IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rohero: Umukuru w’igihugu n’abanyagihugu mu bikorwa vyo kwubaka ibirasi (...)

Rohero: Umukuru w’igihugu n’abanyagihugu mu bikorwa vyo kwubaka ibirasi vy’ishure nshingiro

samedi 21 Nyakanga 2013

Mu ntumbero yo guheraheza bimwe mu birasi bizofasha abana biga mw’ishure nshingiro, umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, yifatikanije n’abanyagihugu bo muri komine Rohero, mu bikorwa vyo guheraheza ibikorwa vy’ishure nshingiro riri mu Kabondo.

Aho kw’ishure ryo mu Kabondo, abanyeshure bashika kuri 50, akaba aribo baziga mw’ishure rimwe rimwe nk’uko bimenyeshwa na Stephanie Kineza umuyobozi w’indero muri komine ya Rohero. Uyo muyobozi akaba avuga ko mu kurindira ibikorwa vyo guheraheza iyo nyubakwa igizwe n’ibirasi bitandatu, abanyeshure baba barigira mu nyubakwa zisanzwe zikoreramwo abakozi bo mu gisata c’indero bo mu mashure y’intango.

Komine ya Rohero rero, ikaba ari imwe mu makomine agize igihugu c’Uburundi yashoboye kumenyesha abana benshi mu kibazo giha uburenganzira abana baja gutangura mu mwaka wa mbere w’ishure nshingiro. Abandanya avuga ko amashure icumi ya Leta yubatswe n’ayandi y’abigenga.

Abanyagihugu rero bo mu gisagara ca Bujumbura bakaba bari bitavye ari benshi muri ivyo bikorwa, vy’ukwubaka ivyo birasi vyariko biba imbere y’umutaga, wo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Nyakanga uyu mwaka.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.