Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Rose Byre ntiyashoboye gutsinda ihiganwa
Rose Byre ntiyashoboye gutsinda ihiganwa
mercredi 13 Munyonyo 2013
Ikinyamakuru Glamour co mu gisagara ca New York, kirategura amahiganwa yo gutora umugore mwiza akibamwo. Ihiganwa ryitwa « Glamour’s 2013 Women of the Year »
Rose Byrne yari yiteze ko ariwe aza gutahukana ako gashimwe, yaguye mu yabize, yatsinzwe kubera yisize bimwe abagore bisiga haruguru y’ingohe zo ku jisho ”ombre a paupiere” birenze.
Abari bahagarariye iryo higanwa bahejeje kuvuga uwatsindiye ako gashimwe, Rose yaciye aja kubaza, baca bamubwira ko yisize vyinshi. We ntiyatahura ko ikintu nk’ico comubuza gutsinda.
Rose Byrne aturuka mu gihugu ca Australiya, mu gisagara ca Sydney afise imyaka 34, uburebure bwa metero 1,68. N’umukinyi w’amareresi azwi cane.
Chérif Nkeshimana