Accueil > Amakuru > u Burundi > RSF isaba ko abahohoteye umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana (...)
RSF isaba ko abahohoteye umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana borengutswa
vendredi 28 Myandagaro 2015
Inyuma y’ihohoterwa ryakorewe umumenyeshamakuru w’iradiyo y’abafaransa RFI n’itororokanirizo ry’amakuru AFP mu Burundi Esdras Ndikumana,ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF rimenyesha ko ritangazwa no kuba ata muntu n’umwe arahagarikwa mu bakoze ico caha.
Clea Kahn-Sriber ajejwe akarere ka Afrika mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF avuga ko bitangaje kuba haheze ikiringo cababa ukwezi ata muntu n’umwe ararengutswa imbere y’ubutungane kubera guhohotera umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana.
Uwo aserukira RSF mu karere ka Afrika amenyesha ko amakuru yo kwizerwa bafise,yerekana neza ko umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana yakubiswe n’abakozi b’igendereza,ivyo bigasigura ko ababikoze bazwi.
RSF igasaba ko imvugo yojana n’ingiro,gutyo abagirizwa ico caha bagahamagarwa imbere y’ubutungane,bakabazwa kandi bagahagarikwa.
Haraheze indwi zibiri ibiro vy’umukuru w’igihugu bibicishije mw’itangazo, bimenyesheje ko umukuru w’igihugu wenyene ubwiwe yabonanye n’umukuru w ‘igendereza akamubaza ku bijanye n’ihohoterwa rya Esdras Ndikumana,kugira ababikoze bakurikiranwe kandi bahanwe hisunzwe amategeko.
Mwomenya ko Esdras Ndikumana yahohotewe kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015,igihe yari ahari hahejeje kurasirwa Lt Gen Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye igendereza ry’Uburundi.
IGIHE
Messages
28 Myandagaro 2015, 09:12, par Kariyo
Ntawobafata, Kuko Uwobafashe Ariwe Yabatumye. Ahubwo Shima N’ Ivyo Ko Batamwishe.
28 Myandagaro 2015, 10:44, par ndinumiye
Ico ciyumviro ni co kabisa!
28 Myandagaro 2015, 14:43, par muvugakuri
kumukosora si bibi yariko ararenga ku mategeko yumutekano
28 Myandagaro 2015, 16:12, par dodo
IYO RSF NISHIME KO BATAMUMESHE.MWIGENDEREZA NI ABICANYI GUSA.
28 Myandagaro 2015, 17:52, par Kaneza Eliane
Emwe, Imana ishimwe ko yinjiye yo akagaruka. Ariko naho yagarutse muraraba neza ko ata burozi bamuhaye kuko babubaramiza ku nguvu. Mumusuzumishe ku baganga b abahinga. Ubu hoho n,uwugarutse acika ikimuga kuko babarisha uburozi bumwe bubi. Mana dutabare !
30 Myandagaro 2015, 12:05, par Nidufasha rené
Yahowe kugira amatohoza kurupfu rwa adolphe ?mbona ivyuburundi bigoye kuko ntibashaka ko bimenyekana.