Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Rugazi : Igiporisi cafashe abantu ndwi bariko bimba ubutare
Rugazi : Igiporisi cafashe abantu ndwi bariko bimba ubutare
jeudi 18 Nyakanga 2014
Abantu ndwi bariko bimba ubutare bwitwa coltan bidaciye mu mategeko nibo bafashwe n’igiporisi muri komine Rugazi intara ya Bubanza.
Umwunganizi w’umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu no kwimba ubutare yarakoze urugendo rumushikana mu gitara ca Reta kiri ku musozi Gihinga komine Rugazi intara ya Bubanza, kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 17 Nyakanga 2014. Aho naho hari abimba ubutare bita coltan bafashwe n’igiporisi bariko babwimba badakurikije amategeko.
Indwi muri abo bakaba baciye bafatwa bari mu minwe y’igiporisi. Abaharurwa naho hagati y’ijana n’amajana abiri nibo bari bamaze indwi zibiri bariko bimba ubwo butare bidaciye mu mategeko mu gitara ca Reta kiri ku musozi Gihinga, muri komine Rugazi ,mu ntara ya Bubanza. Ibinogo binini bikaba vyarimbwe ata kindi kintu na kimwe kirinze gukorwa kugira bakingire ibidukikije.
Abanyagihugu babona amatara yakije mw’ijoro, abo nabo bakaba ari abariko barimba ubwo butare, niiho guca batabaza abajejwe intwaro. Abajejwe umutekano bakaba baciye babafata bariko barimba ubwo butare nyene mw’ijoro hagati. Ku bwa abo bajejwe umutekano ,bakavuga ko abo bimba ubutare bari benshi cane bari mu gitigiri kiri hagati y’ 100 n’amajana abiri. Abatari bake bakaba barashoboye kwiruka, indwi gusa nibo bashoboye gufatwa.
Floxella Karire