IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Rugazi : Intumwa za FNL ya Miburo ziyitiriye Rwasa kugira zakirwe

Rugazi : Intumwa za FNL ya Miburo ziyitiriye Rwasa kugira zakirwe

lundi 13 Nzero 2014

Abanamarimwe b’umugambwe FNL bo ku Muzinda muri komine ya Rugazi mu ntara ya Bubanza, bavuga ko bahenzwe n’abarongoye FNL ya Yakobo Bigirimana, bakirirwa umunsi wose bahagaze, barindiye Agathon Rwasa ko ariwe agira ashike kwugurura ingoro y’umugambwe.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 12 Nzero, abo banyagihugu bavuga ko bahenzwe n’abantu bari muri FNL yo kwa Yakobo Bigirimana, bababwira ko Agathon Rwasa agira aze kwugurura ingoro y’umugmbwe aho ku Muzinda, abo banamarimwe bakavuga ko bahagaze amasaha n’amasaha barindiriye uwo bavuga ko ari we mukuru w’umugambwe FNL Agathon Rwasa, ngo bagire uku, baja babona haserutse intumwa ya Yakobo Bigirimana, ariko guca bataha, ivyo bikorwa vyo kwugurura iyo nyubakwa y’umugambwe FNL batabikubise n’irya humye.

Abo banamarimwe rero bakaba biyamiriza izo nzira zo kubahenda, mu gihe bavuga ko bari kubwizwa ukuri, bakareka kubatesha umwanya, birirwa baraza gutegera umuntu atari buze. Bamenyesha ko bahenzwe ko haza Rwasa, kuko FNL yo kwa Miburo izi neza ko iyo batanga ubutumire bivuze ko aribo baza, atabantu bari kuronka babakira bo mu mugambwe FNL, arico gituma, abo banamarimwe bemeza ko bahenzwe kugira baze gutegera intumwa ya Miburo yiyise Rwasa.


Aristide Nizigire

Messages

  • ikizwi tôt ou tard fnl muzi kandi mutinya muzoyibona kko ntaho yaroye gusa ivuga ururimi dd batize.

  • Abanyepolitike bakinisha benegihugu, hari igihe bizobagira. Ikindi iyi nkuru y’igenekerezo 12 Kigarama irashaje. Simbona igituma abamenyeshamakuru bashimye kuyisohora ubu hashize ukwezi abo banamarimwe ba FNL bo ku Muzinda barindiriye ko ingoro yabo yugururwa. Ni vya bindi nyene abantu biharaje bita gukamisha. Sinzi rero ico Agathon Rwasa yemereye abamenyeshamakuru na rirya asa n’uwiyonjoroye muri ADC-IKIBIRI.

  • Ntimuze muduhenda twe abagihugu bato bato ubu turazi gutandukanya iciza nikibi nanje naho wombanza umukuru wumugambwe F N L kko kuva nkicaruka numva Rwasa nkumukuru wumugambw.Politke yoguhendeshwa amahera yarangiy

  • erega abamenyeshamakuru ntibahembwa na ADC Ikibiri, jewe ivyo uvuze vy’inkuru ishaje ntavyo nabonye, wewe wabikuyehe? usanga gerard akiruhishijwe n’ibikorwa rusangi vyo kuwa gatandatu mu mugambwe wabo dd.

  • @Mama
    Ndumva ko wababajwe n’ijambo "GUKAMISHA". Tuvuge ko nitaba samedi ibikorwa vy’Umugambwe kandi ndi umu DD nk’uko ubivuze. Abataja kuri iyo mirimo canke batuka gusa ubutegetsi n’abakira ibiturire, we wotora iki? Erega inkuru imaze ukwezi iba ishaje. Nkibaza rero muri ibi bihe tugeze mwo umumenyeshamakuru yovyiyobagiza atariko arondera ibindi.

  • Kugeza Ubu Fnl Niyabanyagihugu Bayikore;si Iyumuntu Gusa Ico Mwomenya Nuko Irongow Na Jacques Bigirimana Imbere Y’amategeko.Tureke Kwitiranya Ibintu Uwo Rwasa Muvuga Niki?Jew Wapi Ndamuziko Ar Umunama Rimw Yikumiriye.!Nagaruke Muruhongore.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.