Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Rugombo : Ibura ry’amazi ryakweze indwara ya korera
Rugombo : Ibura ry’amazi ryakweze indwara ya korera
lundi 30 Ruheshi 2014
Ingaruka mbi kw’ibura ry’amazi muri komine ya Rugombo ziratanguye kwibonekeza nk’uko Kaderi Beatrice musitanteri abimenyesha.
Ku va amazi abuze muri iyo komine haraheze indwi zibiri, abantu bagera ku ndwi nibo bamaze kwandura ikiza ca korera, abo bose bakaba barwariye mu bitaro vya komine ya Rugombo. Musitanteri w’iyo komine akaba mu minsi yahera, yari yasavye abagira neza gufasha kugira iyo komine igire amazi meza kandi menshi. Ibura ry’amazi muri iyo komine, abanyagihugu bakavuga ko ritazobasiga amahoro, mu gihe n’ayo kwizimya akanyota asigaye aboneka umunyagihugu arushe.
Musitanteri w’iyo komine Beatrice Kaderi akaba asaba abanyagihugu arongoye gukurikiza amategeko y’isuku, na cane cane bakigora bagafungura ari uko babanje gukaraba neza n’isabuni, ndetse bagapfundikira n’ubuzu bwa surwumwe.
Aristide Nizigire
Messages
1er Mukakaro 2014, 10:18, par Gicocoro
Twebwe tutari,muburundi nacanecane twe turi muvya:Sadec,iyo twumva zimwe mungorane zibangamira Abarundi bene wacu,harimwo nk’inzara,ibura ryamazi,biradutangaza cane,kwumva,igihugu nk’Uburundi gifise,imigezi,amasoko,nimisozi mireremire,ibiti n’amashamba,ikigeretswe ko nyamukuru;imvura ikaba igwa,ariko tukumva amakuru nkayo birababaje mugihe twebwe hino turi heshi imvura irwa amezi2 gusa,mumwaka,canke3,ushobora kugenda ikirere kingana n’uburundi kugwiza3 utarabona umugezi n’umwe,ariko mbona abantu babayeho,ntabicwa n’inzara n’inyota ndabona.Abarundi murakwiye gusenga imana ikabahindurira amateka,kuko muratukishije,akarere kibiyaga binini.