Accueil > Amakuru > Amashuri > Rugombo : Umuyobozi yagirijwe kunyuruza imfungurwa zigenewe (...)
Rugombo : Umuyobozi yagirijwe kunyuruza imfungurwa zigenewe abanyeshure
vendredi 7 Ruhuhuma 2014
Ibifungurwa bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivyo gufungura PAM muri amwe mu mashure atandukanye yo mu gihugu, bivugwa ko biza biribwa na bamwe mu bayobozi b’amashure.
Mu ntara ya Cibitoke, kw’ishure ritoya rya Rukana ya mbere muri komine ya Rugombo, umuyobozi w’iryo shure hamwe n’uwujejwe ububiko bari mu minwe y’inyamiramabi, bakaba bagirizwa kuba bari mu banyuruje zimwe mu mfungurwa zari zigenwe abanyeshure bo kuri iryo shure, zitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho gufungura PAM. Iyo ngendo rero yo kunyuruza zimwe mu mfungurwa zigenewe abanyeshure ikaba ivugwa mu mashure atari make, aho abayobozi kenshi aribo bama batunzwe agatoke mu kunyuruza ivyo biribwa vy’abana.
Uwo mugambi w’ishirahamwe PAM ukaba waje kugira usahirize abavyeyi bakenye, aho usanga abana benshi baca bava mu mashure kubera inzara izura inzara babona mu miryango yabo. Gufungurira ku mashure bikaba vyari vyatumye abavyeyi benshi biruhutsa, kuko abana batari bake bari baciye bakunda ishure, aho abaheba amashure baciye bagabanuka.
Aristide Nizigire
Messages
7 Ruhuhuma 2014, 18:42, par NDAGIJIMANA Francois
Abayobozi bacu nakazoza keza bakitwipfuriza none nimfashanyo zibonetse ngo zidufashe kugira dushobore kwiga bace babirengako babinyuruze n’akamaramaza abayobozi nkabo barakwiye kwirukanwa kukazi kuko ntavyo bashoboye.