Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bob RUGURIKA akurikiranwako ivyaha bitatu bikomeye
Bob RUGURIKA akurikiranwako ivyaha bitatu bikomeye
mercredi 21 Nzero 2015
Emmanuel Nkurikiye, icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yafashe ingingo kuri uwu wa kabiri yo guhagarika Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA, amukurikiranako ivyaha bitatu. Umumenyeshamakuru Bob RUGURIKA asangiye nomero ya dosiye yiwe n’abasanzwe bapfunzwe bakurikiranwako ubwicanyi bw’ababikira batatu b’abatariyanokazi.
- Bob Rugurika yaraye ijoro ryiwe rya mbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba
Lambert Nigarura, umwe mu bashingwamanza ba Bob RUGURIKA, asigura ko uwo aburanira akurikiranwa ku vyaha bitatu :
Kuba ataco yashikirije igihe ubwo bwicanyi bwariko burategurwa (manquement à la solidarité publique). Kuri ico caha, ingingo y’481 y’igitabu mpanavyaha itegekanya igihano c’imyaka iva kuri 10 gushika ku myaka 20.
Gukorana n’abicanyi (complicité d’assassinat). Ico caha gihanishwa umunyororo w’imyaka 20 mu ngingo ya 38 y’igitabu mpanavyaha.
Gutanga amakuru w’urubanza rukiri mw’itohozwa (Violation du secret de l’instruction). Umunyororo w’umwaka umwe ukaba ariwo utegekanywa n’ingingo y’393 y’igitabu mpanavyaha.
- Bob RUGURIKA yahagariwe na Emmanuel Nkurikiye, icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi
Ababuranira Bob RUGURIKA baranegura kubona Emmanuel Nkurikiye, icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, yaguma asohoka aja kuronka amategeko y’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, ivyo bikaba vyerekanye ko atari yigenga.
Tubamenyeshe ko vyari bitegekanijwe ko Bob RUGURIKA nk’umuyobozi wa RPA, yitaba kuri uwu wa kabiri mu rwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru, kugira asigure ivy’amakuru y’amatohoza RPA yakoze y’ubwicanyi bw’ababikira b’abatariyanokazi. Insamirizi RPA yitwariwe na Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge, kuri uwu wa mbere mu rwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru, agasaba ko urwo rwego rwobwiriza RPA ikabeshuza ayo makuru, kuko avuga ko yakorewe inteba ishushe. Naho biri uko, mu ruganda rw’itohozamakuru rwa RPA bamenyesha ko batahengeshanije kurondera uwo Guillaume Harushimana kugira agire ico ashikiza kuvyo yagirizwa, ariko akaba yagumye abaha isango atigeze yubahiriza.
- Guillaume Harushimana yitwariye RPA muri CNC
Guillaume Harushimana yavuzwe mu mazina yatanzwe n’umunyagihugu yiyemerera ko ari mu badandaguye ababikira batatu b’abatariyanokazi, Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75 mu Kamenge kuri paruwasi bita "Kwa Buyengero"
Kubw’uwo munyagihugu, inama zibiri zagizwe mu gutegura ubwicanyi bwahitanye ababikira zabereye mu bunywero bita Iwabo w’abantu bwa Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza. Uwo munyagihugu akavuga ko mu nama ya mbere yarimwo nawe, harimwo kandi n’abandi bantu nka Adolphe Nshimirimana yahora arongoye urwego rw’igendereza, umuporisi yitwa Ayubu, na Major Joseph Niyonziza batazira Kazungu, hamwe na Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge.
Egide Nduwimana
Messages
21 Nzero 2015, 11:46, par mmmmmmmmmmm
MANA URAKIZA UBURUNDI BURAGERAMIWE
21 Nzero 2015, 12:00, par ndayi
ariko ivyomwikigihugu biragoy mbega uburero twokwemerako bob rugurika yohava agafurwa iyomyaka bavuga irimugitabo camategko kanda arijwazira akarenganyo ahubwo nimurabe twbw abanyagihugu icotwokora kugira aveyo vuba bidatevye
21 Nzero 2015, 12:23, par Nwari
Ibirohori ,1:yase kukorana hubutugane mumatohoza!!$$yase nkande????nkumukozi wubutugane??ncanke nkumunyagihugu mwagizeko amatohoza muzineza umfice nivyabona ???ncanke nke nkumu police mwwtumye gutohoza ??? 2:gukorana nabicanyi??mwamufashe arikwica??murafise ivyemezo??3 :yamenye ibaga ibiri mumatohoza??:!!!$amatohoza vyuvikanako mwari mwayahejeje kuko ivyo mwamwagirije nivyo mwari mwatohoje sinuva ikituma iki cagatatu mwarikukishiramwo ehe mwankadagira bitabo ndababwire:bobo rugurika yakora akazi kiwe nkumumenyesha makuru ????namwe mufise inzego ,zijejejwe kugira amqtohoza zose ,police,abacamaza,les imformateur, kora akazikanyu ??akazi kabananiye mureke kumaramarira kubandi
21 Nzero 2015, 12:36, par ndiko jonas
mbe mwomenya abacamanza bongaha iwacu bubu bavamye mwishamba nabadutwara wewe gihugu cuburundi ugeze habi nukuri mugabo bitebe bitebuka bazokwiruka atawubirukanye mwirorere gusa.
21 Nzero 2015, 12:44, par FERDINAND
BRAVOOOOOOOOOOOOOOO DOMITIRA UBU NIWE URAMUKIWE GUTWARA RPA MUKINDA MUGARAMYE MWUBAMA AMATORA AZOBA MEZA CANE.
21 Nzero 2015, 12:46, par Bikorimana
Ariko dd isigaye ifunga umunyamakuru,nkumurovyi?
21 Nzero 2015, 13:15, par Kadoyi Wi Karusi
Bob Tahura Inwaro Yuburundi 2005 2015 Bizohinduka
21 Nzero 2015, 13:49, par kabuga
la RPA est un mal nécessaire mais pas toujours.Rimwe bavugira abanyagihugu irindi bakarwanya reta bavyipfuza ko vyoca mu nguvu. Intambara z’abatutsi turaziyamirije
21 Nzero 2015, 13:52, par kabuga
abahutu yatujije nibo bbariko baramunyara mugabo ntavyo azi yari azi ko ariko arabaha umuziki. Reka abone
21 Nzero 2015, 15:08, par NIYONZIMA J.M.Vianney
KOMERA KW’IJAMBO!
21 Nzero 2015, 15:34
Ewe Rugurika uranteye ikigongwe mwana wa mama nimba wari wubatse, numva agahinda kenshi kubana n’umutambukanyi wawe. Mbe washatse kwigira Mandela? Leta y’Utbutaliyano, abo bose baserukira ibihugu vyabo aho I Bujumbura wibazako hari ikindi bakora atari amaperereza? Niwe wabonye kuzi iperereza kurusha abandi bamenyeshamakuru bose baho i Bujumbura nabohanze bose? Eka warabonye ko abaramutswa Uburundi bakiriko bariga gutwara basi!!! Nkahandi utayobewe uba waranyurujwe nukubora waraboze kera. Courage!!!
21 Nzero 2015, 15:34, par mwambaro kimeneke
1bob we,wihangane,uwiteka arakubona,igihe kigiye guhera,intwaro mbi iveho pole,pfakwambara uwomwambaro nabo niwo bazambara,igihe cab kirashize,ingero ugeramwo mwene so niyo nawe uzogererwamwo ok bye bye
21 Nzero 2015, 15:38, par rekubwicanyi
Murakoze kuri iyo foto y’uwo Guillaume, bandanya muturonderera n’ayandi ya barya bicanyi bandi, aho tuzobabona tumenye uko tuvyifatamwo. Ahasigaye, aba dd batazi Vatikano ko ariyo itwara ino si, birabasha muzoba mubona. Yo yahejeje kera amatohoza, muvuga irementanya mureka, abahekuye Katorika bo barabazi, umusi n’umusi mukibonerako.
21 Nzero 2015, 16:20, par iranzi
ark ndavga Imana irakwiy kuraba iciribukor mwik gihugu cacu kuk ibihe sivyza
21 Nzero 2015, 16:30, par mwanamisi
Biragaragara ko abo babikira bishwe Na reta iri kubutegetsi. Iyo lets ikoze icaha nkico si vyiza kubivuga ikiri kubitegetsi
21 Nzero 2015, 16:38, par nicondiko
Jewe mpejeje kuronka amakuru avuga ko Bob bazogira uko bashoboye kose bakamukuramwo nukuvuga ko ategerezwa gusezera isi....Adolphe yarahiye kubera amajambo
21 Nzero 2015, 18:37, par nwari
@kabuga wewe ntuzi ivyuvuga iyo ataba rpa abahutu gushika ubu babakiri mwishamba wakigugu we arazi bobo icuro yabonanye mwishamba na nkuruziza ,useni, rwasa, kuva aho baribamenye ko,sinduhije ariwe yahora abonana nabo??akaca arungika bobo rugurika none nawe uriko umwagiriza ko yishe,abahutu sinovuga ko imanA yakuvumye ariko kwubahuka ukagiriza umuntu,utazi ngoyarishe ???nuko arivyo wakoze wewe nyene amaraso ariko arakubiramwo koko witwa kabuga womu rwanda
21 Nzero 2015, 20:28, par F.N.L
Bob RUGURIKA pole sana!
Hama ntagifise intango kitagira iherezo! NKURIKIYE Emmanuel ikore mukwaha wikize...! Abo ukorera n’abantu, kora nkuwukorera umutware asumba vyose’ Rugiravyose’
21 Nzero 2015, 21:26, par juma
bobo we niwibuke ryajambo mwbarira mwe na psfqe hamwe mwariko munyemerera ibitagenda NGO nintange amajwi NGO nzorinda mpfa ntamenyekanye NGO akajagari gapanzwe neza gahinduka urutonde weho buca bamwe Bose bahenda abatabazi NGO ni sosiete civil bahaguruka bakuvugire mumakungu none jewe nari kuvugirwa nande ndemera kugupfunga leta itakaje amanota mumakungu ariko navyo biri murako kajagari gapanzwe neza kuko wibuke yanama yabera kwa mbonimpa ko rufyiri yavuze ati uwo bazopfunga muritwe izoba arintsinzi kuritwe pasfqe nawe ati ntakindi gikorw tuzoba dufise atarukumvisha amakungu kwintwaro yukazo yaturambiye aba did iyaba abompanura ntibarikukupfunga kovyase kuri bonesha kumuntu yiviriye munama yogutanguza reberi bikanka kauri mbonimpa nawe naho warukwiye guhanwa bikomeye ndavye uko mwabiteguye uzozerukurwa budaciye nakabiri
21 Nzero 2015, 21:27, par juma
bobo we niwibuke ryajambo mwbarira mwe na psfqe hamwe mwariko munyemerera ibitagenda NGO nintange amajwi NGO nzorinda mpfa ntamenyekanye NGO akajagari gapanzwe neza gahinduka urutonde weho buca bamwe Bose bahenda abatabazi NGO ni sosiete civil bahaguruka bakuvugire mumakungu none jewe nari kuvugirwa nande ndemera kugupfunga leta itakaje amanota mumakungu ariko navyo biri murako kajagari gapanzwe neza kuko wibuke yanama yabera kwa mbonimpa ko rufyiri yavuze ati uwo bazopfunga muritwe izoba arintsinzi kuritwe pasfqe nawe ati ntakindi gikorw tuzoba dufise atarukumvisha amakungu kwintwaro yukazo yaturambiye aba did iyaba abompanura ntibarikukupfunga kovyase kuri bonesha kumuntu yiviriye munama yogutanguza reberi bikanka kauri mbonimpa nawe naho warukwiye guhanwa bikomeye ndavye uko mwabiteguye uzozerukurwa budaciye nakabiri
21 Nzero 2015, 21:29, par Appolinaire
Turasaba ko Mwoturekurira Umumenyeshamakuru,wacu bidateve,mumukure murubwoburoko.Ahubo ababwire neza Ivyazi Natwe tubimenye.Ahandiho Nimwe Mutumwako Urutoke.Polepole sana bob Ntamvura Idahita Ahubwo,ukomere Kwibanga Nka Mbonimpa Ahubwo urushirizeho Kuko Urintama.Nka Ejo uzorekurwa,naho Ububutumwa Butagushikira Imana Irakubona.
21 Nzero 2015, 23:47, par Muco
Ikintu kimwe gusa nshimira abanyamakuru ni uko muduha amashusho y’izo nkozi z’ikibi. Iyaba mwaduha n’amashusho y’abo bacamanza mwoba mukoze cane. Ntitugkeneye amajambo dukeneye ibikorwa. mutwigorere muturonse n’amafoto y’abo bacamanza.
Murakoze!
22 Nzero 2015, 00:52, par Amuri
Mwabagabo mwe mwegira Ndanseeeeeeeeee............hhhhhhhhhhhhhh jewe ndi umu DD LA vr DD ndabasavye tureke kwiha amenyo yaBa nyamahanga ......yoooooooo turamangayeeee ewe Burundi ...mukanya ndakura aba fondateur wa mouvent y a Bav DD BAFUNGURE UYO MUNTU Bob KANDI NDAZI KO nKURUNZIZA ATEMERA KWIMARAMAZA KUBERA INKWEWA ZABANTUBA 3 CANKE 5 .........ejo tuzomutora
22 Nzero 2015, 12:52, par philbert
Ewe bob ububeshi bwaw buzogukwegera kabisa
22 Nzero 2015, 17:54, par jhfoghjgjgkklfufhfkjkglgy
ewe reta y’uburundi uramaramaje adolphe aridegemvya bob avundiye mumpimba(imana ikora ivyayo)mugabe
22 Nzero 2015, 17:54, par jhfoghjgjgkklfufhfkjkglgy
ewe reta y’uburundi uramaramaje adolphe aridegemvya bob avundiye mumpimba(imana ikora ivyayo)mugabe
22 Nzero 2015, 21:17, par iribuka
gahanga wishwe niki?
7 Ruhuhuma 2015, 20:07, par bizohinduka
yoo!bob ihangane izintwaro zabantu bariye infuku rindira gato nimpaka tuzisezere bogomba kwigumiza kugihugu boreka nimpaka tubasezere ok komera kwijambo jew bizohinduka