IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruhororo : Musitanteri yagirizwa gutanga karangamuntu ku bana b’imyaka (...)

Ruhororo : Musitanteri yagirizwa gutanga karangamuntu ku bana b’imyaka 13

jeudi 7 Myandagaro 2014

Abarongoye urunani FORSC mu ntara ya NGOZI baragabisha ko musitanteri wa komine RUHORORO yoba yaratanguye kwitegurira kuzokwiba amatora yo mu 2015, ivyo bakabivuga bagiriza uwo musitanteri ko ariko atanga amakarata karangamuntu ku bana bo kuva ku myaka 13 gushika kuri 15.

Musitanteri wa komine Ruhororo iri mu ntara ya Ngozi yagirizwa ko ariko atanga amakarata karangamuntu ku bana babatarabirekurirwa n’amategeko, b’imyaka kuva kuri 13 gushika kuri 15. Mu runani rw’amashirahamwe adahanira ivyicaro vya poritike, FORSC mu ntara ya Ngozi baranegura iyo ngendo y’uwo musitanteri bakavuga ko yoba abigira mu ntumbero yo kwitegurira kuzokwiba amatora ategekanijwe mu mwaka w’2015. Mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD mu ntara ya Ngozi bashikiriza ahubwo ko ivyo bitariko bikorwa muri komine Ruhororo gusa. Deo Gasamagera, arongoye umugambwe MSD mu ntara ya Ngozi amenyesha ko muri iyo ntara yose, abantu baguma bahabwa amakarata karangamuntu, kandi batarakwiza imyaka isabwa n’amategeko.

Musitanteri wa komine Ruhororo arahakana ivyo yagirizwa, ahubwo akamenyesha ko amakarata karangamuntu ahabwa abakwije imyaka n’ibindi bisabwa n’amategeko. Ku kibazo c’abo bantu bariko bafatwa amasanamu (photos), uwo musitanteri avuga ko ari ba ntahonikora bashaka gufasha kuronka amakarata karangamuntu. Constantin Niyonzima, umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Ngozi arahakana ivyo bivugwa ko amatora ariko yitegurirwa kuzokwibwa, akamenyesha ko namba ivyo uwo musitanteri yagirizwa vyoba arivyo, ko azobibazwa ku gatwe kiwe, kuko atawabimutumye.


Egide Nduwimana

Messages

  • UYU MUSITANTERI NI UMUHINGA BASHA KUKO IWIWE NTA KIZIRA TURAMUZI ..ARIKO ARAMENYA KO AMAFRANGA ATARI VYOOOSE ..UMUSI UMWE AZOHUMIRWA NA DOSSIER Y UMUKOBWA WIWE!!!NAREKE YARAKWIJE AMAKOSA ..AMATORA YAHEJEJE KWIBWA..EWE BURUNDI UWUFISE IFARANGA ARIWE AGIRA IJAMBO!!!!! NKUWO NTACO YOVUZE TURAVYE IVYO YAKOZE....

  • Ahubwo nidukomezegusenga kuko abantubikigihetugeramiwe twese.nibarabingene bosangirakabisi nagahiye bayagebashirahamwe.nkuko tweseturibamwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.