Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ruhuhuma 2016 : OBR yatakaje imiriyaridi 4,2 z’amarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ruhuhuma 2016 : OBR yatakaje imiriyaridi 4,2 z’amarundi

Ruhuhuma 2016 : OBR yatakaje imiriyaridi 4,2 z’amarundi

vendredi 4 Ntwarante 2016, par egide

Ikigo kijejwe kwegeranya amakori ya Reta catakaje amafaranga agera ku miriyaridi 4,2 z’amarundi, ku mafaranga ico kigo categekanya kwinjiza mu kwezi kwa kabiri umwaka w’2016.

Amafaranga yose hamwe ico kigo categekanya kwinjiza mu kwezi kwa Ruhuhuma yagera ku miriyaridi 48,1 y’amarundi, ariko ico kigo kikaba cashoboye kwinjiza ayagera ku miriyaridi 43,9 z’amarundi.

Amafaranga ico kigo cahomvye muri Ruhuhuma akaba agera ku miriyaridi 4,2 z’amarundi, ni ukuvuga ibice 8,7 kw’ijana.

Mwomenya ko mu kwezi kwa Ruhuhuma nyene kw’umwaka uheze, ikigo OBR cari cinjije amafaranga y’amarundi agera ku miriyaridi 99,2, aho bikumvikana ko ukwezi kwa Ruhuhuma kw’umwaka uheze, hamwe n’uku kwezi kw’uwu mwaka bigereranijwe hari agahombo k’amafaranga y’amarundi agera ku miriyaridi 55,3 ni ukuvuga agahombo k’ibice 7,5 kw’ijana.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.