Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge : Abanyororo umunani batorotse ibohero
Rumonge : Abanyororo umunani batorotse ibohero
mercredi 19 Munyonyo 2014
Amasasasu menshi avanze nama gerenade nivyo vyumvikanye mw’ibohero rya Rumonge mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, rishira uwa gatatu. Yari abanyororo umunani bariko baratoroka, bakaba bagiye batwaye n’inkoho y’umwe mu baporisi bararira iryo bohero benshi bita iryo "Ku Murembwe".
Nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro zo mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri rishira kuwa gatatu, abanyororo bo mw’ibohero rikuru rya Rumonge bavyuwe n’amasasu menshi na gerenade zariko ziraterwa, ariko bakaba batamenye uruhande ziriko ziterwamwo muri iryo bohero. Yari abanyororo bagera ku munani bari batorotse ibohero. Muri izo ntureka, umuporisi umwe yarahasize ubuzima, bikavugwa ko abo banyororo bagiye batwaye n’inkoho yakoreshwa n’uwo muporisi yitavye Imana.
Abo banyororo baraye batorotse buriye ku mpome z’iryo bohero, bari bamaze nk’iminsi ibiri babigerageje birabananira, bakoresheje ingazi bashaka kwurirako, ica iravunika, umugambi wabo ntiwaba ugikunze. Kuva mu gatondo ko kuri uwu gatatu, igiporisi kiriko kirakizura mu Rumonge, baguma bagenzura uruja n’uruza mu mabarabara kugira barabe ko bofata abo banyororo batorotse. Abasigaye nabo bazindutse bugaranwe, gushika nk’isaha zitandatu z’umurango bakaba batari bwashike aho basanzwe bavomera amazi.
Abo banyororo batorotse bagirizwa ivyaha vy’ubwicanyi bukabije, guhungabanya umutekano, hamwe n’ugutunga ibirwanisho. Tubamenyeshe ko umwe muri abo banyororo yagirizwa ubwicanyi bw’abanyamahanga b’abatariyano biciwe i Kiremba, akaba kandi yari yarigeze gutoroka, ariko afatirwa muri Tanzaniya bamugarukana mw’ibohero. Amakuru ava aho mw’ibohero rikuru rya Rumonge avuga ko umwe muri abo banyororo bari batorotse ashobora kuba yamaze gufatwa.
Egide Nduwimana
Messages
20 Munyonyo 2014, 11:27, par Bigirimana
Mwosaba ibihugu bibanyi KO vyodufasha kurondera abo bantu kuko iyo nkoho bat aye izomara inganda.
27 Munyonyo 2014, 15:33, par PROSPERNIRA
mbega ko nubundi babafata bagaca babarekura nubundi ububisha buzobandanya
27 Munyonyo 2014, 15:39, par prosperniragira
NIBAREKE GUFATA ABICANYI HAMA NGO BABAREKURE BATARIHANA