Accueil > Amakuru > u Burundi > Rumonge : Abapfungwa bakwije ica kane c’igihano basaba gutezurirwa
Rumonge : Abapfungwa bakwije ica kane c’igihano basaba gutezurirwa
vendredi 10 Nzero 2014
Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yaragendeye ku munsi wa gatatu ibohero ryo mu Rumonge. Abanyororo bo muri iryo bohero basavye umuhuza w’abarundi bo yobashikira imbere, agasabira umwidegemvyo w’agateganyo ababirekurirwa n’amategeko, hamwe n’abarwaye indwara zidakira.
Ibohero ryo mu Rumonge ryubatswe mu mwaka w’1958, rikaba rifise ubushobozi bwo kwakira abanyororo 800. Gushika ubu, abapfungiwe aho mu Rumonge baharurwa mu 762, harimwo abagabo, abagore n’abana. Uko iminsi igenda, ico gitigiri kiguma ciyongera bivuye ku manza ziteba gucibwa, abanyororo bakwiza ica kane c’igihano baba barahawe ariko ntibarekurwe, abafatwa mu makosa mato bagaca bajanwa mu munyororo kandi bari gushobora gutangishwa ihadabu, hamwe n’ukwihutira gupfunga.
Abapfungiwe muri iryo bohero ryo mu Rumonge basavye umuhuza w’abarundi ko yobashikira imbere, agasabira ukurekurwa vy’agateganyo ku bamaze gukwiza ica kane c’igihano bahawe, hamwe n’ugusabira kurekurwa ku barwaye indwara zidakira, nk’uko umukuru w’igihugu yarivumereye. Mwomenya ko hari n’umutama w’imyaka 101 apfungiwe aho mu Rumonge yatakambiye umuhuza w’abarundi ko yomusabira gutezurirwa.
Mu gihe hari abanyororo bungururizwa mu mabohero yo hagati mu gihugu bavanwe i Bujumbura, abo bapfungiwe mw’ibohero ryo mu Rumonge bamenyesha ko bahura n’ingorane nyinshi nk’ugusabwa kwiyunguruza ubwabo iyo bategerezwa gusohoka kuburana, hamwe n’ugusabwa kugaburira abaporisi babaherekeza. Basavye umuhuza w’abarundi gutura ico kibazo ubushikiranganji bw’ubutungane, kuko ingaruka z’ukwo kubura ubwo buryo zibarwako, nk’akarorero ni ukuba bashobora guca bamara imyaka n’iyindi bataburanishijwe.
Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, muri urwo rugendo kw’ibohero ryo mu Rumonge akaba yari yagiye yitwaje agakemanyi kagizwe n’itoni y’umuceri, ibitenge vy’abakenyezi 25, umutobe w’ivyamwa ku bana, hamwe n’imipira yo gukina.
Egide Nduwimana