IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rumonge igiye kuba intara ya 18

Rumonge igiye kuba intara ya 18

vendredi 10 Gitugutu 2014

Mu nama nshikiranganji yari irongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, kimwe mu vyizwe, n’uko komine ya Rumonge igiye kuzoba intara igira iya 18.

Intara ya Rumonge rero ikaba izogira amakomine atandatu ariyo Rumonge, Burambi, Buyengero, Bugarama na Muhuta. Rumonge rero ikaba igiye kuba intara ya 18 haroyemwo n’igisagara ca Bujumbura. Rumonge rero ikaba yari isanzwe ari imwe mu makomine agize ntara ya Bururi. Abatari bake rero baribaza kazoza k’intara ya Bururi, kuko iyo ntara yari ibayeho ku bice vyinshi vy’iyo komine ya Rumonge, isanzwe iri ku nkengera z’ikiyga Tanganyika, igahana urubibe n’iguhugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Abanyagihugu bo mu Rumonge bakaba bakiranye neza iyo nteguro y’itegeko, kuko bari basavye kuva kera ko iyo komine yokwigenga, ikaba intara ariko bikaba bitari bwakunde.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.