Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rumonge : Indwara ya cholera yasubiye gutera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Rumonge : Indwara ya cholera yasubiye gutera

Rumonge : Indwara ya cholera yasubiye gutera

lundi 1er Kigarama 2014

Indwara ya cholera yasubiye kwiyadukiza mu ntara ya Bururi komine Rumonge, aho abantu bagera kuri 14 bakiri mu bitaro.

Abantu bagera kuri 47 nibo bamaze gufatwa n’ico kiza nk’uko amakuru ava muri iyo komine abivuga. Muri abo, 33 bakaba baratashe bahejeje kuvurwa. Ibura ry’amazi muri iyo komine hamwe n’ubuzu bwa surwumwe bukenye akaba ari ikibazo gikomeye, ndetse coba gituma iyo ndwara iguma irwira cane. Abantu bake nibo bafise utuzu twasurwumwe, utwo natwo ugasanga dusangira benshi.

Mu ntwaro bafashanije n’ishirahamwe Croix Rouge bakaba bariko barakora ibishoboka vyose kugira batuze ico kiza ntikirandagate. Iyo ndwara ya cholera, ikaba yaheruka gutera muri iyo komine nyene haraheze iminsi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Reta ibafashe mukubazanira amazi amasabune n’ibindi vyankenerwa bafatanij na croix rouge.babiteho

  • Basha bavura bareka! Izoguma igaruka mugihe ivyo bituma iza bitaratorerwa umuti! Rumonge n’igisagara mugabo Parking nta Toilettes Publiques ifise! Amazi nuko!! Ikiyaga kirahari none abantu bakena Amazi gute! Croix Rouge nayo nibafashe gukwega amazi yo mu kiyaga canke yo mu Nzuzi uko niko kuyituza mbona naho kuvura uwugwaye harimwo Risk, kuko sibose bashika kwa Muganga hakiri kare! Bareke kuba nkamwe Bigisha kurya Ifi mugabo batigishije ingene bayiroba!!

  • none reta iriko ikora iki kugira iiyirwanye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.