Accueil > Amakuru > Poritike > Rumonge: Umugabo n’umugore wiwe bafashwe bariko biba amatora
Rumonge: Umugabo n’umugore wiwe bafashwe bariko biba amatora
lundi 24 Myandagaro 2015
Umugabo n’umugabo wiwe bafashwe bariko baragerageza kwiba amatora y’abajenama b’imitumba,ku mutumba wa Kizuka,komine n’intara ya Rumonge mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015.
Abo bafashwe ni NdikuriyoAlexis umuyobozi w’ishure nshingiro rya Nyamibu,n’umukenyezi wiwe Yvonne Vyisinimana umwigishakazi.Bafashwe bariko bashira amakarata y’itora arenga ayo bategerezwa gushira mw’isandugu ryo gutoreramwo.
Amakuru ava aho mu Rumonge,amenyesha ko bashitse ku biro vy’itora batorerako hakiri cane,kandi umwe wese yari mu kibanza ca mbere mu gutora.Ariko kubera abari bacunze ayo matora bari maso,igihe bariko bakora ivyo baciye babafata.
Inyuma y’impari,bahavuye bumvikana,uwo mugabo n’umukenyezi wiwe baca bashikirizwa inzego z’umutekano,baca bajanwa ku birindiro vyegereye aho batoreye.
Van Naris Mugisha
Messages
24 Myandagaro 2015, 18:53, par Muyahudi
Nibahanw kuko ingero yuwakoz’icaha nurupfu kandi ubusuma ntawebwerey!
24 Myandagaro 2015, 19:56, par Damas Sisi Nsh.
Ahubw Bakwiy Kwicwa Mbenkabo Uwobah Uburundi Bobukorera Iki?Uwo Muyoboz Nace Akurwa Mubuyobozi Kuk Nikigeg Cishure Ntiyogikagwa.
24 Myandagaro 2015, 20:22, par BUMWE JEAN
BAMENJE.AHUBWO BACISHE MU GASHO NKUKO BIRI MATEGEKO AGENGA AMATORA
24 Myandagaro 2015, 20:34, par JEDIDIE AIME JUSTINE
NANJ MVUY MU MATORA.MU GIHE BIBONEKA NEZA KO AYO MAKOSHA YABAYE ABANTU BARAKWIYE GUKOSORWA. NIBO BATUMA TUGWA MU MANGA
24 Myandagaro 2015, 21:27, par kajabure is dus
babuze nivyo biba abandi bamena banque ahubwo nibabice
24 Myandagaro 2015, 21:30, par Nzovugangende
Ni hatari! Abandi biba amatora ngobatware igihugu, nabo bakayiba kugira batware imitumba! Ubusuma buvurwe mubo hejuru vuboneke no kugeza hasi naho! Ntivyoroshe, Imana n’itabare UBURUNDU!
24 Myandagaro 2015, 21:35, par INNOCENT
uwo mugabo n’uwomugore wiwe harimwo uwitoje canke nuwabatumye?nihaba hari uwitoje barikurindira ahintahe ishize.
24 Myandagaro 2015, 21:44, par Dodo
ABO NI ABA DD.SIBO BARAVYIGIJWE.NTIMUGIRE ICO MUBAKOZA.IYO ABA AYA PRESIDENT,ABASHINGAMATEKA CANKE ABAHANUZI NUKUVUGWA NTI VYAVUGWA.AHUBONA BARABIGIJE INDERO MBI.IYO SHURE YARATEMBAGAYE.
24 Myandagaro 2015, 21:45, par Kariyo
Kuramwo Icigwa Banyagihugu. Abivye Amatora Y’ Aaashingamateka, Abivye Ayumukuru W’ Igihugu, Ntanumwe Yafashwe Ariko Hageze Kuri Batobato Batawe Muriri Yompi, Aho Ntimubona Ko Abanyagihugu Batobato Bamenya Ukuri
24 Myandagaro 2015, 22:36, par yaya
Je murantangaza igisuma nyamukuru nuyo nkurumbi wanyu umwiza uvibukuru ugakwira igihugu cose abo ntibarenganywe hera kuri nkurumbi yadabayanze vyose
24 Myandagaro 2015, 22:42, par Sikobizohora
Barek Barundi Barazi Uko Se Wabo Yabamenyerej Nakar Uvuk Kunkend Ugapfa Wurira Ibiti Aho Nayand Mator Vyagenduko.
24 Myandagaro 2015, 23:08, par b
aya bayita amatora meza can
25 Myandagaro 2015, 05:19, par Js.M.Gatoro
Izo ntumva nizo zama zizana ingorane mu burundi. je kubwivyo rero novua nti nibapfungwe hanyuma leta ibafute kukazi burundu. guko berekanye neza ko atandero rushingantahe bigishijwe murakoze. rushwaaaa?!
25 Myandagaro 2015, 11:09, par Kidione
Nuko ubusuma ntaw bwereye namba bashaka amaronko batakoreye !
25 Myandagaro 2015, 14:57, par Gaca
Ntakindindi Kiriko Kironona Uburundi Atari Ukwogukingira Ikibabu Izo Nkozi Zikibi .Ahubwo Ubutungane Nibukore .None Uwomwarimu Yiba Amatora Kugirango Atware ? Akazi Yarafise Ntikarigakwiye ?Inda Ndende Niyo Ituma Muburundi Ataterambere.
25 Myandagaro 2015, 16:33, par RUSWI
MBEGA BARI BITOJE?
25 Myandagaro 2015, 17:40, par Eddy Nsabimbona.
Imana Irahana Yitonze,ariko Ntikibuza Ko Bandika Ngo Amatoro Y’abajenama Bokumitumba Yagenze Neza Atakanenge Bayabonyemwo,none Burya Uburundi Sibuto?Ntacokogwa Ngo Kireke Kumenyekana,bivye Ayo Harakantu Ayabaye Ubwambere?Imana Nidufashe Tugeze Ahatemba.Mana Zigama Abarundi N’uburundi.
25 Myandagaro 2015, 19:01, par 4
c
26 Myandagaro 2015, 11:18, par ERIC DESIRE KIYANGE
MBEGA YEMWE HARAKATARYOSHE NIKIBANZA CUMUKURUWUMUTUMBA GISIGAYARAMIRUKIRO TWEBWE NTANUWARIYURWARA UWUNDI <NTAMARYA YUBUSUMA>KUKO NIBYAGATARINA NYENE NKABO NYENE MBEGA NONE AYO MAKARATA YABAHAYE NDE ?KO TWE BADUHAYE IMWIMWE?
26 Myandagaro 2015, 20:07, par Calèbe Irakoze
Jewe Nsavye Umurundi Wese Ahari Asenge Imana Avuga Ati Mwij’izina Rya Yesu Dusavye Imana Isobora Vyose Kuturenganya Igikombe Categuriwe Uburundi Mwizina Ry’umwana W’ikinege Yesu Criston Amen.
27 Myandagaro 2015, 05:22, par Kameca
None abo nabo bazovuga ngo nubujuju (mbega nabo bigisha babigisha kwiba?) ntaho tuja!
29 Myandagaro 2015, 14:38, par Kabura Georgebatazira Mavuta
emwebirantangaje kubona umugabonumugere bumvikanamukwiba harakantumuzu mbegabaribitoze emwentiborekakwibamurumunge aba chef de quortien baronkameshikuberibigazi biharangwa