Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Rumwe mu ndirimbo ziwe yiyumvamwo cane yarahejeje kurukora
Rumwe mu ndirimbo ziwe yiyumvamwo cane yarahejeje kurukora
jeudi 13 Ntwarante 2014
Ururirimbo rusigura ibice bigize izina rwiwe yarahejeje kurukora. Ni ururirimbo rwa mbere yiyumvamwo cane gusumba izindi zanakunzwe cane. Urwo rushaka kumera nk’ururirimbo mpimbazamana, avuga nk’uwusaba ikigongwe Imana.
Mkombozi yarahejeje gutegura ururirimbo rusigura ibice vy’indome zigize izina rwiwe Nzeyimana. Iryo zina yariciyemwo ibice 3 uku gukurikira : NZE-YI-MANA. Uwo muririmvyi w’umudiho wa Hip Hop avugako igice cose gifise insiguro yaco. Izo nsiguro zumvikana mu bitero 3 bigize ururirimbo yitiriye rya zina rwiwe. Aha araducira ku mayange amwe mu majambo ari muri urwo ruririmbo, rusa n’urwo gusaba imbabazi Imana. Ati :" Nije nari Pastori mu rusengero rwanje, navuga Imana gake, amashikanwa cane. Naripfuza ko iminsi yose yocika Dimanche kugira ishikanwa ntiribure mu mufuko wanje".
Akandi gace gatoyi yatuzatsuriye kavuga uku :"Nije nafashe ku nguvu umukenyezi afise imbanyi, uwatabaye niwe yapfunzwe".
Tumubajije igituma yiyumviriye kuririmba ururirimbo nk’urwo, Nzeyimana Thomas "Mkombozi" yishurako harimwo gusaba imbabazi Imana kuvyo yoba yarakoze vyoba vyarababaje Abarundi, naho atashoboye kutubwira ivyo bintu asabako imbabazi.
Nzeyimana Thomas yafashijwe na Chris na Junior, abana bariko baramenyekana cane mu muziki w’Uburundi. Si abo gusa, nk’uko Thomas avuga ko urwo ruririmbo arukunda cane yahisemwo kuruha abahinyanyuzi 2 "Amili Pro na Lizer Classic" aho rero ngo ashaka ko ruba urw’akarorero.
Cherif Nkeshimana
Messages
13 Ntwarante 2014, 21:00, par Isaac Onyango, mu rumonge
Komeza sha uduha bishasha turagushigikiye. P6