Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rusama ukwezi kwa hariwe abavyeyi nyina w’ibibondo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Rusama ukwezi kwa hariwe abavyeyi nyina w’ibibondo

Rusama ukwezi kwa hariwe abavyeyi nyina w’ibibondo

dimanche 12 Rusama 2013

Uko umwaka utashe, ibihugu bimwe bimwe vyo kw’isi birahimbaza umunsi wahariwe umuvyeyi nyina w’ibibondo, ariko uwo munsi ugahimbazwa ku magenekerezo atandukanye y’ukwezi kwa Rusama bivanye n’igihugu.

Ni umunsi kandi abana bashimira abavyeyi babo mu kubaha utuganuke babashimira ku vyiza badasiba kubakorera, ndetse kuri uyu munsi abana barategurira utuganuke tundi abavyeyi bataba biteze, kandi mwene utwo tuganuke tukaba tunezera abavyeyi.

Hari ibihugu bimwe bimwe bihimbaza uwo munsi ku munsi w’Imana wa mbere w’ukwezi kwa Rusama, n’ibindi biwuhimbaza ku munsi w’Imana wa kabiri nk’uko hari n’ibindi biwuhimbaza ku w’Imana ugira gatatu.

Muri Afrika, uyu munsi urahimbazwa mu bihihugu atari bike, ariko ku magenekerezo atandukanye. Ibihugu nka Algerie, Cote d’Ivoire, Libiya, Maroc, Izinga rya Maurice, Mauritanie, Senegal na Tunisie bihimbaza uyu munsi ku munsi w’Imana wa mbere w’Ukwezi kwa Rusama.

Ibihugu navyo nka Afrika y’Epfo, Benin, Burkina Fasso, Gana na Zimbabwe biriko birawuhimbaza kuri uyu munsi co kimwe n’ibindi bihugu bimwe bimwe vya Buraya na Amerika.

Ibindi buhugu vyo muri Afrika vyahisemwo umunsi w’Imana wanyuma wa Rusama ni nka Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Gabon, Madagascar na Cameroun.

Mu karere ka Afrika y’Ubuseruko Uburundi burimwo uwo munsi ntuhimbazwa, kiretse igihu ca Kenya kiwuhimbaza ku munsi w’Imana wa mbere w’ukwezi kwa Ruheshi.
Ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko bihimbaza uwo munsi kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante, ku munsi mukuru w’abagore co kimwe n’Uburundi.

Mu bihugu vya Buraya na Amerika uwo munsi watanguye mu myaka y’1900.
Mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, uwo munsi watanguye guhimbazwa mu mwaka w’1908 mu gihe mu bihugu vya Buraya bibiri vya mbere vyatanguye guhimbaza uyo munsi ari Ubwongereza mu 1914 na Allemagne mu mwaka w’1923.

Nko mu gihugu c’Ubufaransa, umunsi mukuru wahariwe umuvyeyi nyina w’ibibondo, watanguye mu mwaka w’1918 mu gisagara ca Lyon aho abagore bawuhimbaje bibuka abana babo hamwe n’ abagabo babo bari bahitanywe n’intambara ya mbere y’isi.

Mu nyuma igihugu c’Ubufaransa carafashe ingingo yo guhimbaza uwo munsi mukuru hari mu mwaka w’1929 aho na Leta yafashe ijambo ryo gukeza abapfasoni nyina w’ibibondo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.