Accueil > Amakuru > u Burundi > Rusansuma y’abadandaza bahora kw’isoko nkuru ya Bujumbura yasivye
Rusansuma y’abadandaza bahora kw’isoko nkuru ya Bujumbura yasivye
jeudi 7 Ruhuhuma 2013
Abadandaza bo kw’isoko nkuru ya Bujumbura ntibasansumwe kuri uwu wa kane nk’uko bari babisabwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta.
Ikibanza kiri I ruhande y’isengero Cathedrale Regina Mundi ni co cari catowe kugira ngo kiberemwo rusansuma y’abadandaza bahora bakorera kw’isoko nkuru ya Bujumbura imbere y’uko isha. Inkuru ivuga ko Sendika y’abadandaza SYGECO ihejeje gufutwa n’umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi ni yo yatumye abadandaza batisansumisha kuri uwu wa kane igenekerezo ry’7 Ruhuhuma 2013 nk’uko abo badandaza babivuga.
Iyo rusansuma yari gutunganywa n’umugwi w’abadandaza washinzwe n’abadandaza gukurikiranira hagufi ikibazo c’abahora bakorera kw’isoko nkuru ya Bujumbura. Uwo mugwi ukaba ugizwe na Sendika SYGECO iheruka gufutwa hamwe n’Urunani rw’abadandaza. Abadandaza bagasigura ko bidashoboka kwisansumisha na burya uwari arongoye SYGECO ari na we yatwara uwo mugwi.
Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bukaba ari bwo bwari bwasavye abadandaza kwisansumisha mu ntumbero yo kubasabira imfashanyo nk’uko vyari vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru muri ubwo bushikiranganji Hashazinka Marie Jeanine.
Uwo mukenyezi yaserukiye ubushikiranganji mu nama y’abadandaza yo ku munsi wa gatatu akaba yari yamenyesheje ko abagiraneza babasavye ko urutonde rw’abadandaza n’ivyo bari batunze kw’isoko nkuru ya Bujumbura boba babibashikirije bitarenze mu ntango z’indwi buca itangura.
Emile Nibasumba