Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rusansuma y’abadandaza bahora kw’isoko nkuru ya Bujumbura yasivye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rusansuma y’abadandaza bahora kw’isoko nkuru ya Bujumbura yasivye

Rusansuma y’abadandaza bahora kw’isoko nkuru ya Bujumbura yasivye

jeudi 7 Ruhuhuma 2013

Abadandaza bo kw’isoko nkuru ya Bujumbura ntibasansumwe kuri uwu wa kane nk’uko bari babisabwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta.

Ikibanza kiri I ruhande y’isengero Cathedrale Regina Mundi ni co cari catowe kugira ngo kiberemwo rusansuma y’abadandaza bahora bakorera kw’isoko nkuru ya Bujumbura imbere y’uko isha. Inkuru ivuga ko Sendika y’abadandaza SYGECO ihejeje gufutwa n’umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi ni yo yatumye abadandaza batisansumisha kuri uwu wa kane igenekerezo ry’7 Ruhuhuma 2013 nk’uko abo badandaza babivuga.

JPEG - 61 ko

Iyo rusansuma yari gutunganywa n’umugwi w’abadandaza washinzwe n’abadandaza gukurikiranira hagufi ikibazo c’abahora bakorera kw’isoko nkuru ya Bujumbura. Uwo mugwi ukaba ugizwe na Sendika SYGECO iheruka gufutwa hamwe n’Urunani rw’abadandaza. Abadandaza bagasigura ko bidashoboka kwisansumisha na burya uwari arongoye SYGECO ari na we yatwara uwo mugwi.

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bukaba ari bwo bwari bwasavye abadandaza kwisansumisha mu ntumbero yo kubasabira imfashanyo nk’uko vyari vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru muri ubwo bushikiranganji Hashazinka Marie Jeanine.

Uwo mukenyezi yaserukiye ubushikiranganji mu nama y’abadandaza yo ku munsi wa gatatu akaba yari yamenyesheje ko abagiraneza babasavye ko urutonde rw’abadandaza n’ivyo bari batunze kw’isoko nkuru ya Bujumbura boba babibashikirije bitarenze mu ntango z’indwi buca itangura.


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.