Accueil > Kwidagadura > Uburusiya : Umugabo yavyutse asanga amatengatwa yiwe bayaciye
Uburusiya : Umugabo yavyutse asanga amatengatwa yiwe bayaciye
jeudi 26 Ruhuhuma 2015
Umugabo asanzwe azwi cane ku mboneshakure zo mu gihugu c’Uburusiya nk’umukinyi w’amareresi atwenza, yavyutse asanga ata matengatwa afise
Mu gihugu c’Uburusiya, havugwa amakuru y’umukinyi w’amareresi yo gutwenza azwi cane ku mboneshakure zo muri ico gihugu, Dmitry Nikolaev, yavyutse ari mu cumba ca Sauna ata matengatwa afise.
Uwo mugabo w’imyaka 30 y’amavuko avuga ko yasohotse mw’ijoro n’abagenzi biwe mu bunywero mu gisagara ca Moscou. Mu nyuma yagiye kumenyana n’umukobwa baca barasangira akayoga, mbere batangura no gusomana nk’abantu bakundana. Uwo mukobwa yaciye amusaba ko bogende kubandaniriza muri Sauna, n’ubwo uwo mugabo yari yubatse aremera.
Uwo mugabo avuga ko ata bindi yibuka atari uko yavyutse asanga ari ahantu hahagarara imiduga itwara abantu. Mu nyuma yumva afise ububabare bwinshi, aca abona ku mpuzu yiwe hariko amaraso. Amaze gushikanwa kwa muganga, niho yabwiwe ko bamuciye amatengatwa.
Abaganga bavuga ko umuntu yaciye amatengatwa y’uwo mugabo yabanje kumusiziriza, mbere n’ukuntu yayaciye vyerekana ko ari umuntu azi ibintu vyo kubaga kandi yoba azi cane ibintu vyo kuvura.
Abaporisi bo mu gisagara ca Moscou bariko barakora amatohoza, mbere bakavuga ko abantu bakora ivyo ari abagurisha ibihimba vy’umubiri vy’abantu, bakibaza ko amatengatwa y’uwo ubu yoba yaramaze kugurishwa.
Lorene Nubwabo
Messages
27 Ruhuhuma 2015, 13:09, par NDIKUMANA NGENDAKUMANA
NGIRANGO AYO MAVYA YIWE YAYA HAYE MALAYA???
27 Ruhuhuma 2015, 17:11, par louis
Ico nigihano
Imana yamuhaye bashurashuzi nimuhebe ntimube nkuwo mugabo mwubahe amabwirizwa y lmana
1er Ntwarante 2015, 04:59, par bahati
None yasigayakomeye konzirikana arihumutima wumugabo uba!
18 Ndamukiza 2015, 14:54, par Franck
burya umuntu arabaho iyo yacitse amatengatwa?