Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rutana : Imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD iriyamiriza agatotezo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Rutana : Imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD iriyamiriza agatotezo

Rutana : Imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD iriyamiriza agatotezo

dimanche 22 Ruhuhuma 2015

Amabendera y’imigambwe iri mu nani z’imigambwe itavuga rumwe n’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Rutana arabangamiwe nk’uko bivugwa n’abarongoye iyo migambwe.

Muri komine ya Gihofi, umugambwe MSD usanzwe uri mu runani ADC Ikibiri, wibwe ibenderera inyuma y’aho uwo mugambwe winjiye ingoro y’umugambwe kuri uyu wa 15 Ruhuhuma. Iryo bendera rikaba ryamaze umwanya urume rumara rihungabana hejuru. Eka n’iry’umugambwe FRODEBU Nyakuri usanzwe uri mu runani RANAC Dushayure Uburundi bwogorore, rikaba ryaribwe ku musozi wa Butare muri iyo ntara ya Rutana. Abari muri iyo migambwe itavuga rumwe n’umugambwe CNDD FDD bagasaba ko boza barubahirizwa, ndetse n’ibimenyetso vy’imigambwe yabo bikubahirizwa.

Mu ntwaro aho mu Rutana, bakaba biyamiriza ivyo vyo kwiba ayo mabendera, bagasaba ko abari mu migambwe itandukanye boza barubahirizanya.


Aristide Nizigire

Messages

  • Sndd efdd niyigishe urwaruka rwayo indero yukubaha abo badasangiy ivyiyuviro .bamenyeko umugabo surucumu. Ikwiyubaha biruta amaronko nibameny ko vyose bishira bareke gupfubusa

  • @ Igirukwishaka Claude, buryawewe ivyuvuze nimvugo yumuntu ashaka ibintu vyurukundo kuribose, ariko nagombandakumenere ibanga ryukuntu abantubimigihe basigayemengo banezerezwa nokubona harihumuntu bakwanguranye, umvarero Izombonerakurerorowumva ahugezehose mugihugu usangayo umurundowazo, abobantu bomuyintimigambwerero barinze biyegeranya bagashika 3 cankebarenga icobatangurakuvuga namajambo yagazotorano kubwizhi nawenyene wihagarariye kuruhande ucubonako bamazekwinjirwamwonakantu kogushakako Imbonerakure nubwo ataribo bozigiriranabi kobashakako zankwa urunukwa mugihugu nomumakungu iyabareroburya Imbonerakure zitwara nkabantu burwaruka rurimumugambwe urikubutegetsi CNDDFDD umugambwe urimuyambere ufise abanwanyibeshi mu Burundi, umugambwe ufise ubutunzibwishi mu Burundi, umugambe ufise incabwegenyishi mu Burundi bababarabiciye ariko baremera bakabakoza intoke mujisho babiyama bakabasumvya gushirinduru hejuru.

  • cndd fdd urakwi kwubahiriza ibikorwa vyiyindi migabwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.