Accueil > Amakuru > Poritike > Ruyigi : Abayoboke indwi ba Rwasa Agathon bari mu munyororo
Ruyigi : Abayoboke indwi ba Rwasa Agathon bari mu munyororo
samedi 27 Myandagaro 2016, par
Igiporisi co mu mtara ya Ruyigi carahagaritse abanywanyi indwi ba FNL bayoboka Rwasa Agathon, bo muri komine Kinyinya, intara ya Ruyigi. Bagirizwa ko bahamagarira abanyagihugu guhunga.
Muri abo batawe muri yompi harimwo Nicolas BIGIRIMANA, asanzwe ariwe arongoye FNL ya Rwasa Agathon muri komine Kinyinya, bose bakaba bapfungiwe mu gasho ka komine.
Mu giporisi mu ntara ya Ruyigi basigura ko abo bantu bafashwe bagirizwa ko bahamagarira abanyagihugu guhunga igihugu, mu kubabwira ko hari mukuba intambara. Abo bantu bagirizwa kandi ko bagirisha inama mu kinyegero.
IGIHE
Messages
27 Myandagaro 2016, 09:38, par Niyomwungere Thérence
Nibabarekure Babahora Ubusa.
27 Myandagaro 2016, 11:40, par FNL
FNL turri maso ntaco tuzoba,aba DD ntibaturusha kurasa
27 Myandagaro 2016, 12:29, par Nkundurwanda
Abamenyeshamakuru b’igihe.bi muratwenza ntimuri ku gihe! Iyo FNL ya Rwasa muyikura he. Iri mu mitwe yanyu gusa! Mwibagiye ko Rwasa yitoje mu runani rw’abigenga amizero y’abarundi narwo rutakibaho? Iyo umuntu akoze amakosa muca mwihutira kuraba umugambwe arimwo? mbega muwumenya gute ko bitanditse mu ruhanga?
27 Myandagaro 2016, 14:23, par Gasongo
Ico umuntu ari niwe aciyumvamwo . Nta muntu numwe afise uburenganzira bwo kukimwaka . So, bobapfunga boreka ,inkingi ya mbere bo barazi ico ivuga.
27 Myandagaro 2016, 16:39, par jean
Ibiriko biraba n Itsembatsemba ry abatavuga rumwe n ubutegetsi
27 Myandagaro 2016, 19:01, par Zarohadi
Kiretse Fifi Wenyene Abandi Ivyobagirizwa Nivyo Bibagiye Innocent Wikigangabuko Inama Nogutegurira Abaterigihugu Barabirembeje
27 Myandagaro 2016, 22:10, par Kanyosha
Harimwo abantu bandika nkacamnona inkomoko yanzamvugo zababantu bomuri ONU yivyobavuga ahobabikura, hano iyonsomye incambona abandika babugango muburundi hari itsembatsemba kandubakurikiranyeneza usanga arabibereye hanze YU Burundi : mu Buniligi America, nahandi tutibagiwe abababanyi bacu bomurwanda bobo baratitiyerwose kandi bakiriko kuko uburundi bwihaye imya majana yoguhangana nuwowese ashaka kubwidundika kugatwe, umva bwariteguye bikwiye haba mumajambo, mumanza, nokumasasu nyakwubahwa Jacque Bigirimana harihaho aheruka kubaciragace guko atamurindi yiteguye kuzokwikorera inkoho ngwarahunze kiretse abarundi twese duheze.
27 Myandagaro 2016, 23:10, par Iragiryagahuturemy
Mbebashasha Rwasa mwibaza kwarumwana mwihisha politique ? Mwaramuhenze mumwaka wa 2010 yibaza nhonugufatikanya bisanzwe kumbe mwariba teshesha ntimuzomusubira .
Namba arabanwanyibiwe mukabamubagize nkaba Gervais Ruyfikiri, naba Niyombare, nabandi birirwa bariruka inyuma yabazungu ninyuma yakagame mushaka none agiriki? Arareka ubutungane bukore ,nicokimwe na CNDD FDD bariya banwanyi bayo bagiye kwiruka inyuma yubufranga bwabazungu mugihe ubutungane buzobarengukisha CNDD FDD ntaco izovuga, abazokwambikwa izera ntaco DD izohindura abazokwagirwa nicaha nikwokukwo .
Nagomba kubibutsa ko muburundi ivyahabaye ntivyakozwe nabarundi bomumugambwe umwegusa vyakozwe nabanwanyi bomumigambwe nkayose. Mbemuraziko harihabantu bari aba FNL babonye Rwasa yemeye amajwi abarundi baribamuhaye baciye bamwanka uribuka? Mbemurazi ko Rwasa kuvayemeye amajwi abenegihugu bamuhaye ko hariho nabataribamutoye ubu bamushigikiye cane kandi bakamwubaha?
Sha abazungu barabonye kwabarundi boroshe kugumura koko murumva ayamafranga yabo bacisha mwikikinyamakuru ukuntu candika kineteza ngo abanwanyi ba FNL bokwa Rwasa ngobafashwe! Ahorero sikindi barikobararondeza icobafasha kuvurunga uburundi kuko murabona kobataye umutwe batiki bagafata ikindi.
28 Myandagaro 2016, 08:31, par kamanayo
Ese Rwasa yabatumye kumuvugira? Ubwo rero murashakira ibibazo aho bitari ngo Rwasa yigumure. Ese mugihe abantu biwe bicwa ari benshi mumyaka 5 ishize ko ari ntacyo mwavugaga? Rwasa si Twagiramungu kuko we areba kure. Naho mwabanyamakuru mwe mubonye mujeri zanyu*sindumuja*zarashize nkifu yiminjira none muti Rwasa.
28 Myandagaro 2016, 08:40, par ozil smith
nitwiyambike agatambara twebwe nyene nayahandi ntaho turiko tuja!
28 Myandagaro 2016, 22:39, par saleh
nimuj hamwe mwubake igihugu maze dutere imbere twogoror
6 Nyakanga 2016, 20:29, par ngusha
Amatora aregereje mutangure gutotezanya mwabonye Agathon uruwo kwamiza mukanywa ubu ntaco muzomuhenda be mwabaye gute hari haciye ka2 ko2010 Mwarempentanije bigakunda ubu naho mugira gute iyo buba bwumwe bwarikindi nta mu Fnl nta Mdd turibamwe