Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ruyigi : Bamwe mu barwayi bagirije umuforoma kubashurashuza ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruyigi : Bamwe mu barwayi bagirije umuforoma kubashurashuza ku (...)

Ruyigi : Bamwe mu barwayi bagirije umuforoma kubashurashuza ku nguvu

vendredi 21 Ntwarante 2014

Umuforoma wo mu ntara ya Ruyigi yagirijwe na bamwe mu barwayi ko abafata ku nguvu, abanje kubatera imiti isinziriza, ari imbere y’inyamiramabi kugira zigire amatohoza, icaha kimwagiriye ajanwe imbere y’abacamanza.

Inyamiramabi ifise urwo rubanza, imenyesha ko amatohoza ageze kure, kugira barabe namba icaha kimwagira. Ku va ku muhingamo wo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 20 Ntwarante, uyo muforoma yagirizwa kuba ashurashuza kunguvu bamwe mu bapfasoni n’abigeme baje kwivuza, ndetse akabanza kubatera umuti usinziriza, apfungiwe muri comisariya y’igiporisi aho nyene mu ntara ya Ruyigi.

Uwafashwe arahakana icaha, akavuga ko ari ibara bagomba kumwambika, n’aho abo amaze gukorera ako kaga bo, bamwagiriza ko yabahumiye, kandi bari barwaye. Uwo muforoma rero hamwe ico caha comwagira, bikaba bitegekanijwe ko yoca yinjira ibohero rikuru, agakubitwa intahe mu gahanga.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ibara!Erega ni hamwe igihugu cagowe sinon nta muforoma avura!Avura ibikomere gusa ivyo navyo ntibisaba gusinzirizwa!Babashurashuje bakiriko mu gihe uguhana gushishikara kwibonekeza!Babanze bapime barabeko atarwaye na Sida!

  • mbega yemwe!!!!iryo sibara nibamuhane bisunze amategeko kuko birateye isoni!!!!!!!! Imana irakwiye kugarukira igihugu cacu kuko amabi yooooooose yagikoraniyeko.

  • yooo!!!erega nibara.nibamuhane cane. nabandi bari bafise,ingeso nkiyo bagire icobatinya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.