Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ruyigi-Cankuzo : Abarimyi basaba Reta kubakemurira ikibazo c’imbuto (...)
Ruyigi-Cankuzo : Abarimyi basaba Reta kubakemurira ikibazo c’imbuto zirobanuye
jeudi 9 Gitugutu 2014
Abanyagihugu bo mu ntara ya Cankuzo basanzwe bahurikiye mu mashirahamwe ya CAPAD bavuga ko bazohava bataronka imbuto zirobanuye, bagasaba Reta gukurikirana ico kibazo hakiri kare.
Abo banyagihugu basanzwe bari mu mashirahamwe y’uburimyi bakavuga ko bashobora kutazoronswa imbuto zirobanuye, bagasaba ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi gukemura ico kibazo mu maguru masha, kuko gishobora gukwega inzara muri izo ntara zibiri zisanzwe ziri mu Buseruko bw’Uburundi. Ivy’uko izo ntara zishobora kutazoronswa imbuto zirobanuye, bikaba vyavugiwe mu ruganda rw’intara rwatunganijwe na CAPAD (Confédération des associations des producteurs agricoles pour le développement).
Mukamenya ko abarimyi b’abarundi bariko bariruka n’igihe, mu kurimira agatasi. Ako n’ako akaba ariko abarimyi bimburamwo ibibatunga kugeza mw’irima ry’impeshi.
Aristide Nizigire