Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ruyigi : Isoko ya komine Kinyinya yatewe n’impanuka y’umuriro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruyigi : Isoko ya komine Kinyinya yatewe n’impanuka y’umuriro

Ruyigi : Isoko ya komine Kinyinya yatewe n’impanuka y’umuriro

lundi 23 Ruheshi 2014

Isoko ya komine Kinyinya, intara ya Ruyigi yaratewe n’impanuka y’umuriro mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu ushira uw’Imana. Abajejwe umutekano baranyarukiye kuzimya, ari navyo vyatumye ivyononekara bitaba vyinshi cane. Umuntu umwe akaba yaciye afatwa ku mvo z’amatohoza.

Nk’igihe c’isaha cumi z’agatondo ko ku munsi w’Imana, umuriro utaramenyekana aho waje uva warateye isoko ya komine Kinyinya, intara ya Ruyigi. Abaporisi bari kumwe n’abasirikare hamwe n’abanyagihugu, baciye banyarukira kuzimya, bikavugwa ko nk’ica kabiri c’ibidandazwa vyari muri soko arivyo vyatikiriye muri uwo muriro. Umwe mu banyezamu b’iyo soko ari mu minwe y’inyamiramabi ku mvo z’amatohoza, mukamenya ko yafashwe kubera iyo soko yahiye adahari.

Amasoko yo mu Burundi arabangamiwe n’impanuka y’imiriro, ahenshi bikaba biva ku buryo yubatse mu mbaho, ahandi naho bikava ku buryo inzira zocamwo imiduga ije kuzimya ziba zarubatswemwo amazu y’ubudandaji.

Mwomenya ko iyo soko yo mu Ruyigi yahiye mu gihe abadandaza bo mu masoko yo mu Rumonge na Kinama (mu gisagara ca Bujumbura) bamaze iminsi bashikiriza amakenga bafise ku bijanye n’inzira z’imiduga izimya zitagihita neza muri ayo masoko.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.