Accueil > Amakuru > Poritike > Ruzo : Mariya Minani apfunzwe yagirizwa guha amakuru y’ibirwanisho radiyo (...)
Ruzo : Mariya Minani apfunzwe yagirizwa guha amakuru y’ibirwanisho radiyo Bonesha FM
jeudi 22 Rusama 2014
Mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA, bavuga ko bagiye gukurikiranira hagufi ipfungwa ry’umupfasoni Mariya Minani atwara UPRONA muri zone ya Ruzo, aho yagirizwa kuba yahaye amakuru radiyo Bonesha FM ku birwanisho vyahawe Imbonerakure za CNDD FDD.
Nk’uko bivugwa na Olivier Nkurunziza umukuru w’umugambwe UPRONA mu ntara ya Muyinga mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, avuga ko uwo mupfasoni asanzwe ari umuntu akerebutse cane, ndetse akaba asanzwe ari umuntu atarya umunwa, ibitagenda neza adatinya kubivuga. Olivier Nkurunziza akavuga ko bishoboka ko boba bariko baramuhohotera kubera ukwo kuntu asanzwe atarya umunwa, ariko akavuga ko nabo bagiye gutohoza kugira umudasigana wabo ntajaniranywe.
Olivier Nkurunziza akavuga ko umupfasoni Mariya Minani yibaza ko ariko ararenganywa, kuko atigeze anatanga icegeranyo mu mugambwe UPRONA ko izo Mbonerakure zivugwako mu Ruzo zahawe ibirwanisho, ari naco gituma bagiye kugira amatohoza nabo.
Mwomenya ko n’umumenyeshamakuru yarondeye iyo nkuru, avuga ko yatangajwe gose kwumva hari umunyagihugu yapfunzwe yagirizwa ko yoba yaratanze inkuru. Yabariye ikinyamakuru IGIHE ko, uyo Mariya Minani atari nawe yamuhaye iyo nkuru, ko yapfunzwe azira ubusa, ahubwo yorekurwa, na kare ko guha inkuru umumenyeshamakuru atari icaha.
Ikindi rero twobamenyesha, akaba ari ipfungwa ku bantu bose bagira ico bamenyesheje kuri ivyo birwanisho bivugwa ko vyahawe urwaruka rw’Imbonerakure mu ntara zitandukanye, yaba ababibwira abamenyeshamakuru canke abandi babivuga ukundi.
Aristide Nizigire
Messages
23 Rusama 2014, 12:28, par munderere
nahanwe azogire ico yubaha nakare no muri uprona bavuze ko yari yarigize imvuzi vuzi urumvako nabamutwara atabubaha. aboba uprona bobo baratomboye kuko yahora abagaya.nabobavyivugiye
13 Rusama 2015, 07:48, par Umunyaghugu
Mbega Uwomugesera Ashaka Kwica Nabaduserukira Ngobarahunze Ahubwo Ntamaramara Erega twebwe ntabwob dufise nkaba dd arikontimubône ngomuriko muratwic ntimuzotmara ahubwo namwe muragaba uraziko uruhig ruhindukira urukwavu rikiruka kumbwa ntimubone muriko muraturasa ej nimwebwe muzoraswa.