Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Abantu 49 nibo bamaze kumenyekana ko bahitanwe n’imvura
Rwanda : Abantu 49 nibo bamaze kumenyekana ko bahitanwe n’imvura
lundi 9 Rusama 2016, par
Abantu baharurwa muri 49 nibo bamaze kumenyekana ko bishwe n’umwuzurira w’imvura nyinshi yaguye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana rishira uwa mbere mu bice bitandukanye vy’igihugu c’Urwanda.
Muri abo bitavye Imana, 34 ni abo mu karere ka Gakenke mu Majaruguru y’igihugu c’Urwanda, umunani bo mu karere ka Muhanga, bane i Rubavu hamwe na batatu mu karere ka Ngororero.
Abandi bagera kuri 26 barakomeretse, bakaba bariko bavurirwa mu bitaro bitandukanye, mu gihe inzu zirenga 500 zasenyutse, abantu nabo baharurwa mu majana bakaba batagira aho bakika umusaya.
Umuyobozi w’akarere ka Gakenke, Deogratias Nzamwita, yamenyesheje ko inzu zirenga 200 arizo zasenyutse.
Nk’uko Nzamwita yabimenyesheje, imvura yatanguye kugwa mw’ijoro ryo kuwa gatandatu.
Benshi mu bapfuye ni abo inzu zaguyeko mu gihe abandi ari abishwe n’umwuzurira.
IGIHE
Messages
9 Rusama 2016, 15:51, par copy
Turabihanagnishije. Muri minsi amasanganya yabaye menshi hirya no hino kw’isi.
9 Rusama 2016, 18:12, par MUYAHUDI
EMW AMASANGANYA YASAZE IMANA NIYAKIR ABAYITAVY NDAHOJEJ IMIRYANGO YABUZ
9 Rusama 2016, 21:11, par None?
Ndababwira cane iyonumvise umuntu yapfuye ndihanganishije imiryango yabuze.
Ahubona amasanganya nimenshi nkuko nabandi babivuze nongaha muburundi turimumarira yokuririra abacu bapfuye bazize isanganya ryimodoka bakaba bari abarundi basanzwe arinabajejwe umutekano yemwe nabonyene ndahojeje imiryango yabo najewe ndimwo.
10 Rusama 2016, 06:50, par ciza.pascl
ciza.ndiburundi.ndahojeje.iryango.yabanyarwanda.bazize.imvura.imiryango.yabo.yihangane.nurwanda.rwose.rubuze.imana.ibakire.mubwami.bwayo.kuko.ibi.birimuvyahanuwe
11 Rusama 2016, 17:02, par 0725626201
BABAFASHE CYANE BAHUYE NIVYAGO
11 Rusama 2016, 22:32, par Nimbeshaho Emery
Ntawutobabazwa N’iyo Nkuru Y’akababaro Ahubwo Batabarize Mumakungu Babafashe !!!.
12 Rusama 2016, 13:21, par Nzobirinda
Iyinkuru Nukuri Iateye Umubabaro Abakomeretse Ntibarakira?