IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Rwanda Business Week" Ihayanishwa ry’ibidandazwa vyo mu Rwanda

"Rwanda Business Week" Ihayanishwa ry’ibidandazwa vyo mu Rwanda

vendredi 22 Ntwarante 2013

Kuva kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 22 Ntwarante gushika kuwa 25 Ntwarante 2013 hano mu gisagara ca Bujumbura mu kigo ndangakaranga Muse vivant, hakoraniye amashirahamwe n’amahinguriro vyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda mu ruganda RWANDA BUSINESS WEEK.

JPEG - 43.5 ko

Ayo mashirahamwe n’amahinguriro akaba aje mw’ihayanishwa ry’ibikorwa vyayo rizomara imisi ine.

Muri ayo mahinguriro twovuga nka Inyange rihingura ibinyobwa bitambiye n’amata, Sulfo Rwanda, Kinazi Cassava Flour, Sorwatom, Brarirwa n’ayandi menshi.

JPEG - 46.9 ko

Nk’uko uwuserukira abo badandaza b’abanyarwanda yabishikirije umusi bashika mu gisagara ca Bujumbura, intumbero nyamukuru yabazanye n’uko amashirahamwe yo mu Burundi yotangurana gukorana nayo mu Rwanda mu rudandazwa, ivyo bikaba bizofasha mw’iterambere ry’ivyo bihugu vyompi ndetse n’akarere ka Afrika y’ubuseruko bisanzwe bihurikiyemwo, kanatsinda ba sokuru barayamaze ngo: nyamwigendako ntarimira impeshi kandi tubiri tuvurana ubupfu

JPEG - 45 ko
JPEG - 40.7 ko

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.