Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda: Ibwirizwa nshingiro rishasha ryatowe ku majwi 98,3 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda: Ibwirizwa nshingiro rishasha ryatowe ku majwi 98,3

Rwanda: Ibwirizwa nshingiro rishasha ryatowe ku majwi 98,3

samedi 19 Kigarama 2015

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora mu gihugu c’Urwanda NEC, wamenyesheje ko ibwirizwa nshingiro rishasha ry’Urwanda ryatowe ku bice 98,3 kw’ijana (98,3%).

Ariko aratangaza ivyavuye mu matora,umukuru w’umurwi utegura amatora Kalisa Mbanda , yavuze ko ivyo biharuro bisigura ko abanyarwanda bemeye gusubiriza ibwirizwa nshingiro ryariho kuva mu mwaka w’2003.

Yavuze ko abitavye amatora bose barenga imiliyoni zitandatu, abitavye amatora bagaharurwa ku bice 99,6 kw’ijana( 99,6%).

Amajwi amaze guharurwa mu matora yo gutora ibwirizwa nshingiro rishasha ry’Urwanda, yerekana ko abatoye benshi bashigikiye ko rihinduka kugira umukuru w’igihugu Paul Kagame agume ku butegetsi.

Kubwo umurwi ujejwe gutegura amatora NEC,amatora yagenze neza kandi nta bibazo ivyarivyo vyose bahuye navyo gushika amatora aheze.

Naho biri ukwo,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryamenyesheje ko kimwe mu bibazo vyibonekeje ari uko ata ndorerezi zigenga zari mu matora kandi ko imyiteguro yayo yabaye mu gihe gito cane.

NEC yavuze ko igihe catanzwe cari gikwiye kandi ko abanyagihugu ubwabo bagiye gusaba ko ibwirizwa nshingiro rihinduka bazi ico barondera.

Ku bijanye n’indorerezi, NEC yavuze ko hari indorerezi zishika 600 zose kandi ata mukozi wa Reta yarimwo,bigasigura ko zari indorerezi zigenga.

Ibiharuro ntabanduka vy’ivyavuye mu matora bizomenyekana kuwa mbere igenekerezo rya 21 Kigarama 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

  • turi kubyina instinzi kabisa

  • Turashima ingen vyagenze mu gihugu kibanyi. Ushirseyo usanga abategetsi b Urwanda bakora bimwe vy akarorero. Félicitations

  • Aka kagabo nakisema, mbega Kagame ntabona uko vyagenze mu bindi bihugu, ko amahanga abuza mandat ya gatatu. Apfa ubusa iryo ntegeko ntarizoja mugiro.

  • jewe ndabishimye cane kuba murwanda bahinduye ibwirizwa nshingiro kuko natwe muburundi turakwiye kurihindura kuko ryaraboze kugira ngo nyakwubahwa petero nkurunziza akomeze kuyobora. kandi ndazi ko imana izobidufashamwo.

  • murwanda kuva bwikukira atamatora arajya kuba ngo abantu bahunge kandi burigihe ivyo leta ishaka abanya gihugu baravyemeza. barateyebimbere mukubaka igihugu cabo,kandi barazi kureba igifite akamaro kuruta icindi. naho abarundi uvuze amatora uba uvuze induru n’umwiryane noguhunga.

  • Democratie= UButegetsi butangwa n’abaturage ndetse bugakorera abaturage. Hano rero abaturage b’u Rwanda bagaragaje icyo bahisemo batora YEGO. Nta wundi muntu numwe ugomba guhitiramo abanyarwanda uko bakwiye kuyoborwa. Vive le Rwanda Vive Kagame

  • Tuzi ivyodukora, Isi siyo itugenera ingene tubaho,Genocide yabaye baturebera ntaco badufashije, let us do what is profitable for us, ntamyivumbagatanyo,nta gupfa kwabanyagwanda mwibwirizwa shingiro, we are really different!!!!!!!!!!!!!!

  • Ni vyiza cane. Erega ni mureke kwitiranya ivyo abanyarwanda n’ivyabarundi. i Rwanda abanyarwanda nibo bisabiye ko ibwirizwashingiro rihinduka, banasaba Kagame gukomeza kubayobora. Ariko mu Burundi ndetse n’ahandi tuzi ba president nibo bahindura ibwirizwashingiro kandi abanegihugu batabishaka ndetse bavyiyamiriza. BRAVO AU RWANDAIS ET AU PRESIDENT KAGAME!

  • turishimye cyane kubwitsinzi twebwe abanyarwanda twagaragaje twitorera yego, nibindi bizagenda neza , oyeeee Rwanda oyeeee my president Kagame.

  • Bareke bawukoroge nibo bazowunywa! Uwishize umugozi mw’izosi awubona ntaririgwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.