IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rwanda : Igiporisi cafashe umurundi yagirizwa kwiba imiriyoni 6 (...)

Rwanda : Igiporisi cafashe umurundi yagirizwa kwiba imiriyoni 6 z’amashiringi

mardi 20 Nzero 2015

Mugwaneza Chadrack apfungiwe mu giporisi mu gihugu c’Urwanda aho yagirizwa ko yivye amashiringi angana n’imiriyoni zitandatu z’amaganda.

Uwo murundi yagirizwa gutorokera mu Rwanda inyuma y’ubwo busuma, Mugwaneza Chadrack akaba yafatiwe mw’ihoteri y’i Nyabugogo ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 19 Nzero uw’umwaka. Igiporisi c’Urwanda rero kikaba cahawe amakuru ko uwo murundi yivye amafaranga uwo bakorana mu kudandaza igitoro, muri ico gihugu ca Uganda. Mugwaneza Chadrack akaba yafatanywe amafaranga angana hafi n’umuriyoni w’amarundi, ayandi mafaranga akavuga ko yayagabanganye n’abandi bantu basigaye mu gihugu c’Ubuganda.

Umuvugizi w’igiporisi co mu gisagara ca Kigali Modeste Mbabazi akaba yabariye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda ko, uwo yafashwe apfungiwe mu kigo c’abaporisi c’i Muhima mu gisagara ca Kigali, amafaranga yivye akaba azosubizwa banyeneyo, hanyuma igiporisi ca Interpol kigakora akazi kaco bisunze amategeko.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.