Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda: Ingingo yogutanga udukingirizo ku buntu
Rwanda: Ingingo yogutanga udukingirizo ku buntu
mercredi 25 Rusama 2016, par
Mu gihugu c’Urwanda, udukingirizo turatangwa ku buntu mu duce tumwe tumwe tugwiriyemwo ubusambanyi, kandi hari igitigiri kinini c’abafise umugera wa Sida.
Ibibanza bitobito vyarashizweho muri utwo duce, bikoregwamwo ico gikorwa amasaha 24 ku musi.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Rwanda buvuga ko ibice bitatu kw’ijana ari bo bafise umugera wa Sida, ko ico gikorwa kizogabanya umuvuduko wo kwandukira abandi.
"Twarabonye abantu banka gukoresha udukingirizo kubera batubuze, duca dufata ingingo yo gushiraho ibibanza muri utu turere tune two mu gisagara ca Kigali, turimwo abantu bamaze kwandukirwa n’umugera wa Sida benshi," uko ni ko Dr Sabin Nsabimana, umwe mubajejwe ico gikorwa yavuze.
"Kubera ico gikorwa ndibaza ko dushobora kugabanya umuvuduko w’ingene iyo ngwara yandukira."
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Rwanda buvuga ko bwafashe iyo ngingo yo gukwiragiza udukingirizo ku buntu inyuma yo kubona ko abantu bamwe bamwe bananirwa kutugura, abandi bakagira isoni yo kutugura ku mugaragaro.
Igiciro c’agakingirizo mw’iduka kiri hagati y’amafaranga 300 na 500 yo mu Rwanda, angana n’igice c’idolali ya Amerika.
Biciye muri uwo mugambi, Urwanda rushaka gukwiragiza udukingirizo imiriyoni imwe gushika mu mpera z’uyu mwaka.
Amakuru ava mu Rwanda avuga ko mu myaka itanu iheze, Urwanda rwagerageje gukwiragiza udukingirizo rukoresheje imashini zashizwe mu mazu yo kwidagaduriramwo, ariko ico gikorwa nta co cashitseko.
Kugira uronke agakingirizo wabanza gushira ibiceri muri izo mashini ahenshi zamaze gupfa.
IGIHE
Messages
26 Rusama 2016, 07:50, par alah
yemweee murampera utwo dufuko kagame ntazoyovye benshi!
26 Rusama 2016, 09:35, par Bacisi
Muragahumirwa nurwahumiye umusambanyi wambere kwisi ariwe Rahabu namwe muzokwame mutunra nutwo dukingirizo kuko imana ivugango ingero yicaha nurupfu nimutihana ngo murandurane nimizi ubwo busambanyi mwigisha abana banyu uhoraho azobarimbura
26 Rusama 2016, 20:36, par mbazumutima jerome
Birababaje kuko ntibayobewe ko kadakinga 100/100 none icobakoze nukubutanga kubuntu!!! Ntawundi muti byose byase?? Yewe so akwanga akuraga ibyamunaniye. Intambara bazihorere kuko icyorezo cyonyene kizabiboneza ahohose babugejeje,ko MUZEHE yajyaga afatibyemezo bikaze ibyontavyo abivugaho!!!?? (Kijyana wacu garukira urubyiruko niRwanda rwejo)
27 Rusama 2016, 08:39, par turaje
abarundi bari Kigali nibo bari gukwirakwiza Sida mu Rwanda.
30 Rusama 2016, 21:59, par Gérard
NONE AGAKINGIRIZO,GASHA IKI?
31 Rusama 2016, 14:12, par Nduwimana
URwanda nugusambana umengo babibarasazemwo mwebwe ntimwokwihangana emwe imana nibagarukire nayahandiho mwese muzohona