Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda: Umukuru w’igihugu yemeye kubandanya arongoye igihugu inyuma ya (...)
Rwanda: Umukuru w’igihugu yemeye kubandanya arongoye igihugu inyuma ya 2017
vendredi 1er Nzero 2016
Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yemereye abanyarwanda kubandanya abarongora n’inyuma y’2017 nkuko babimusavye kandi ko adashobora kuvyanka.
Mw’ijambo yashikirije abanyarwanda abipfuriza umwaka mushasha w’2016,umukuru w’igihugu Paul Kagame yavuze ko umwaka w’2015 wabayemwo ibintu vyinshi kandi vyagiriye igihugu akamaro, ivyo bikerekana ko ubumwe bw’Abanyarwanda bukomeye kandi butajegajega kandi igikorwa co kwubaka igihugu cihuta.
Kubwo umukuru w’igihugu Paul Kagame,ico nico gituma abanyarwanda basavye ko ibwirizwa nshingiro ry’Urwanda ryo mu mwaka w’2013 risubirwamwo,igikorwa cakozwe kigashigikirwa na Referendum.
Yavuze ko Abanyarwanda berekanye mu buryo bwumvikana ivyo bipfuza muri kazoza k’igihugu,inzira yo gusubiramwo ibwirizwa nshingiro yabaye umwanya wo kuraba ko koko ivyo abanyarwanda bashaka guhindura bifise agaciro.
Yavuze ko yisunze uburemere bw’ivyo bamusavye ko yobandanya arongoye igihugu inyuma y’umwaka w’2017,ata kuntu atovyemera kuko hasigaye inzira zisanzwe bizocamwo igihe nicagera.
Muri iryo jambo,umukuru w’igihugu Paul Kagame yavuze ko yibaza ko abanyarwanda badashaka umuyobozi azobandanya atwara igihugu ubuzima bwose kandi ko nawe atariko abishaka.
Umukuru w’igihugu Paul Kagame yasavye abanyarwanda ko babandanya inzira batanguye yo guhindura igihugu kuko ibisabwa kugira babandanye uburongozi butekanye arivyo kandi bisabwa mu kwubaka ubutunzi bw’igihugu batanguye kubona.
Haraheze igihe gito abanyarwanda bemeje ko ibwirizwa nshingiro rihinduka ku majwi 98,3 kw’ijana.
IGIHE
Messages
1er Nzero 2016, 10:42, par lILI
ikomereze mutama kuko urashoboye. UREKE ZIDANI WO MULI BREZILLE.
1er Nzero 2016, 12:49, par Hitimana Mathias
what kind of democraty when people don’t have rigths to explain themself. we are waiting your futur.
1er Nzero 2016, 22:45, par Imena
@ Mathias who told you that people of Rwanda do not have right to explain? those are among people who have right to explain!!!!!!!
they are not like yours
1er Nzero 2016, 23:17, par erictuyiramye@yahoo.com
Ntanarimwe mudakora ibyiza ariko ba kidobya bakomeza urugambo ntibazabura ninayo mpamvu nkomehe gushima nyakubahwa Paul kuko ibyo akora abikorera abanyarwanda abejo hazaza bobbazasanga isi ari paradis
2 Nzero 2016, 11:15, par INTAGOHEKA
BURAKEYE NAWEWE TUBIRABE NIBATANGURA KUKWIRUKAKO TUZORAB IYUHUNGIRA MUBURUNDI TWARAGIHEMUYE WATWENZE NYAKUBAHWA NKURUNZIZA TUZORAB IYUHUNGIRA
2 Nzero 2016, 15:08, par KOMERA
ABAZUGU KOATANAKIMWE BAVUGA KUBERA ARUMUTUSTI BASHIGI KIYE
3 Nzero 2016, 15:10, par gakemanyi
abanyarwanda bubaha cane ico president wabo abasavye si ivyanone na Havyarimana baramwubaha cane Kagame aje babandanya iyo ngiro ninaho bakura guterimbere, naho abarundi ata president bubaha guhera kuri Bagaza,Buyoya, ba Domiciano, none dore na Nkurunziza, niyo mpamvu muhora mutera musubirinyuma nk’isabune,nundi ozoza ntawe muzubaha , mumeze nkabantu bakuriye mwi Bar mubiyeri.
3 Nzero 2016, 15:10, par gakemanyi
abanyarwanda bubaha cane ico president wabo abasavye si ivyanone na Havyarimana baramwubaha cane Kagame aje babandanya iyo ngiro ninaho bakura guterimbere, naho abarundi ata president bubaha guhera kuri Bagaza,Buyoya, ba Domiciano, none dore na Nkurunziza, niyo mpamvu muhora mutera musubirinyuma nk’isabune,nundi ozoza ntawe muzubaha , mumeze nkabantu bakuriye mwi Bar mubiyeri.
5 Nzero 2016, 00:33, par keza
hhhhhhhhh gakemanyi uransekeje gusa uravuga ukuri abarundi bigize intagondwa barashaka kwigana abazungu’ ntibazi ko turi muri africa nimutuze muyoborwe mutere imbere si no murapfa iterambere muribure mugume mumarira
5 Nzero 2016, 10:21, par soso
Ndabona hari abarundi bari gutega iminsi Kagame.Aba presidents baratandukanye. Muhumure ntabwo azigera akenera aba dd