Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda : Umukuru w’igendereza apfungiwe mu Bwongereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Umukuru w’igendereza apfungiwe mu Bwongereza

Rwanda : Umukuru w’igendereza apfungiwe mu Bwongereza

mardi 23 Ruheshi 2015

Umukuru w’urwego rw’igendereza mu gihugu c’Urwanda, ari imbere y’ubutungane mu gihugu c’Ubwongereza, aho yagirizwa bimwe mu vyaha vyakorewe abantu mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Lt Gen Karenzi Karake arongoye urwego rw’igendereza, akaba yafashwe ku mutahe urondeza abandi 40 mu basirikare bakuru b’Urwanda. Igiporisi c’igihugu c’Ubwongereza kiremeza ko Lt Gen Karenzi Karake yafashwe kuri uyu wa gatandatu uheze ku kibuga c’indege ca Heathrow, ndetse ko anamaze kurenguka imbere y’ubutungane. Uwo mutegetsi mu gisirikare c’Urwanda afise imyaka 54 y’amavuko, akaba azoguma apfunzwe kugeza kuri uyu wa 25 Ruheshi.

Mu mwaka w’2008 akaba ariho umucamanza Fernando Andreu Merelles yashiraho imitahe yoguta muri yompi abasirikare canke abahoze mu gisirikare c’Urwada bagera kuri 40, Reta y’Urwanda ikaba yagumye itera ivyatsi iyo ngingo, mu gihe yayifata nk’ingingo ya poritike. Reta y’Urwanda ikaba yasavye ubwongereza ko bwosigura ku mugaragaro icatumye bufata uwo mu general.


IGIHE

Messages

  • ni bashengezwe abakoze amarorerwa bose gutyo vyoha icigwa n’abandi bategtsi bo muri bino bihugu vyacu bakaja baribuka agaciro ka kiremwa muntu maze bakagisonera, bskamenya ko nabo ari abantu nk’abandi batari utumana two musi y’ijuru.

  • ni bashengezwe abakoze amarorerwa bose gutyo vyoha icigwa n’abandi bategtsi bo muri bino bihugu vyacu bakaja baribuka agaciro ka kiremwa muntu maze bakagisonera, bskamenya ko nabo ari abantu nk’abandi batari utumana two musi y’ijuru.

  • Hey birahaye biraza bitebe bitebuke bizoshika ingero ugerera mugenzawe nawe niyo bazokugererako, ngwahimbwa yarigatiye amaraso yamugenzawe niho izorigatira nayawe.

  • Inkoramaraso zo mu Rwanda zitangiye gufatwa. Bibere urugero abanywamaraso bo muburundi nka Pacifique cg Mbonimpa. Kuko nabo bazabazwa abantu batwikisha imipine

  • Jewe kumabi yakorewe abanyarwanda baribarabungiye RDC nabanye Congo bakicwa bimwe birenze ukwemera, igihecose ntazokwumva benekubikora babiryojwe nzokomeza kwagiruza ubwobutungane mpuzamakungu nibihugu vyarutura kobigira uwobiboneye. Kuko ntakuntu abantu bakoze amabi mu Rwanda bakoneje kubiryozwa ariko bakibanda kuruhabderumwe urundi bakarureka arinacogituma urworuhande rwakoze amabi kuvamurwanda rukanabandanya rukayakorera mubanye Congo nomumpunzizarizarahungiyeyo bagatemabakararika ntihagire uwubakorako jewe bitumanibazako ivyobihugu vyarutura arivyovyabatumwe gukomezabakora ayomabi arenze kwemera! Kukontaku muri 94 imirwi 2 yakoze amabi ariko bakibanda kuruhanderumwe ariko urundiruhande ntibarukomakome, nicogituma nibazayoko ivyobihugu vyarutura nizonkiko mpuzamakungu arivyo vyobabikigira ikibaba abobicanyi bakoze amabi mu Rwanda nohanze yarwo.

  • Haaaaaa, abo bagabo bibazako ubwongereza ari nka Congo bifatira uko bashatse, baze bame bibukako u rwanda ari agahugu gatoyi kandi gakenye bareke kuza biyita ibihangange ngo bazi igisoda n’ubwenge gusumba abandi bitwaza yamwaka ya 1993-4, umwirabure azoguma ari umwirabure kandi ingorane dufise twese nizimwe izo kuzokwama mubukoroni bwa Union européenne na Amérika, wihenze ngo uteye intambwe zibiri bagusubiza inyuma intambwe zine. kubera ubukene bwacu abazungu bazoguma baducanishamwo hama badutware ubutunzi tubona.

  • hahahahahaha nuko bitangura birya nabandi nibabyiteg!

  • ABONGEREZA OYE FATA IZOMBUNUZA ZIMITIMBE ZINKORAMARASO HARAGEZEKOBAFATWA

  • Abanyarwanda bobo boba bashikiw! Bahora bigira aberanda! Nibindi biracaza nibatareka kwisuka muri politique y’ibindi bihugu

  • Uyu mugabo Karenzi Karake icyo azira nuko yabujije abahutu kwica abatutsi agahagarika jenoside. Abamuhagaritse rero ni abafaransa bafatanyije nabayihakana FDL ariko ntacyo bazageraho kuko ukuri gucamuziko ntigushya. Mwa nterahamwe z abarundi mwe mwasize mwishe abatutsi mu rwanda namwe mwishima ntacyo muzageraho!!"!

  • abarundi muravuga iki !ko ibyo bakoreye mu rwanda na congo ko aribyo bibategereje mu gihe gito!!!!

  • iyonkuru ndabasavye muyimpere adolf,kazungu, ndakugarika, magogwa gwembe,estash, nikiza,museremu, nizigama,prime, nabandi nobadonda nokesha babe baritegura kuja ilahe vuba.

  • oya ivyo nivyo bishikiyen`urwanda aha birakomeye.

  • Abarundi babuze amahera comme contribution muri EAC turabaguriza none umva ubujuju bwabo bari kwigereranya na Rwanda. Oya ntimukagereranye amata n’amabyi mwa bidahwe mwe! Muzoze Kigali murebe bene wanyu buzuye bahunze ubwo bugesera bwanyu ndetse no mu nkambi.Muracyajugunya imyanda mu muhanda mwa batwa mwe none ngo yegere yegere!

  • Haaaa,imbonerakure zishimye,muribijuju ntabwo ugwanda aruburundi hemwe,we know what we are doing,uriya mugabo ningwanyi,nabamufashe nibenewanyu ariko aravayo vuba,abongereza sese konabo tubafise.muze tubafashe ntimugashake kutumenyera,canke tuzoze murabe injugu ingene ziturika,murazi intambara yimipanga gusa,ariko twe turabakunda nkigihugu kikibanyi lakini mkiendelea na kiburi chenu tutawamwagia moto washamba nyie!!!

  • FATA IVYO BINYWAMARASO VYATUMARIYE ABANTU MURI CONGO..NABANDI BAZOFATWA

  • Abishimye ntimuzi ibyo muvuga sha. Muraza kwirebera aho u Rwanda rubera igihengange.Imvo za Politiki y’abazungu zizafata ubusa

  • Nibafate kwanza ako kagesera KAGAME kuko niko kabatumye kwica.

  • Ubwongereza nibwo bwahaye ibigwanisho KK, bumurungika kwica mu Rda no muri RDC, bwongera baranamukingira ikibaba gushika uno munsi, none ngo bwamuhagaritse! Bahenda nde? Ivyo ntibishoboka kuko ivyo yagize vyose bari kumwe. N’inkinamico niboye gusamaza amakungu, rero turazi ko ejo canke hirya y’ejo bazomurekura yongere yidengemvye kuko ni igikoresho cabo be n’abanyamerika! Birazwi ko abazungu ata bagenzi bafise, cane cane muri Afrika, bafise inyungu zabo gusa! Abanyafrika turakwiye gukubitiza agatima mpembero tukumva intumbero y’imigambi yabo. Ntaho ihuriyi n’iyacu, ubwoko ubwo aribwo bwose.

  • ntakintu wabona wakorons
    a,amaraso wamenye YUMU
    NTU UTAREMYE UWAMURE
    MYE,AKUREBA AHUBWO
    NIBARIBYO ABABISHOBO
    YE KUBAFATA MUBAFATE
    BOSE ATANUMWE AVUYE
    MO, UBUNDI ICYAHA NIKI
    BI erega imyigaragambyo
    ntago yatuma ukuri kutaja
    ahabonaga mwe mutinyuka
    kuvuga bandi mugatinya
    kuvurwa icyo muzwiho,
    kwigaragambya bivuziki i
    mbere yukuri? byatuma u
    kuri guhishwa nikibazo?

  • Imana idufasha n’izindi nkoramaraso nka Kagame (rusoferi), kabarebe, Ibingira zitabwe muri yombi. Basigaye arii ba ruvumwa abo bicanyi bateguye bakanasoza génocide

  • barakwiye no kudukiza Peter Nkurunziza wi Burundi

  • Ndagaye cyane abo mbona banditse ibitutsi batuka HE. Kagame, icyo cyonyene kiaragaragza ubwenge buke bwanyu, ibyo mwifuriza u Rwanda ntabyo muzabona, twanyuze muri byinshi birahita, abantu bavuga imvugo nk’izanyu nibo bahekuye U Rwanda bakica inzirakarengane bazigora ubusa, rero ingaruka zabyo ntabwo mwozibaza President Kgame kuko iyo atahaba abantu nkamwe inyota y’amaraso muba mwarayishize kera. Imana ibahumure mubone bizima kandi niyo gushima kuko itugejeje heza nk’u Rwanda, kandi ibyiza biri imbere!! Sinon on dit que les chiens aboient et la caravane [passe !

  • UKORA ICIZA UKAGISANGA IMBERE!WAKORINABI,IKAGUHEREKEZA!IY’ISI SUBUHUNGIRO,HAHIRIWE UWIRINGIR’IMANA!

  • Niyumvirako Yorekurwa Akagarukanwa Murwanda Akumvizwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.