Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon: ʺNta nkinamico tuzojamwoʺ
Rwasa Agathon: ʺNta nkinamico tuzojamwoʺ
mercredi 24 Ruheshi 2015
Rwasa Agathon arongoye urunani rw’abigenga amizero y’abarundi ,amenyesha ko ibiriko bikorwa na Reta mu kwanka kwitaba ibiganiro bihuza abegwa n’ikibazo ca politike kiri mu Burundi,biteye agahinda.
Rwasa Agathon avuga ko Reta iriko yanka kwumviriza abarundi,ababanyi b’Uburundi,Afriak yose hamwe n’amakungu.
Kubwa Rwasa Agathon,amatora Reta iriko irategura,ntashobora kwemerwa n’abarundi,hamwe n’amakungu,kuko ayo makungu yagumye asaba ko abarundi bokwicarana mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo ariko Reta ikica amatwi.
Rwasa Agathon avuga ko amatora ariko arategurwa ari amatora ya Reta,atari amatora y’abarundi bose.Akamenyesha ko ata nkina mico bazojamwo.
Messages
24 Ruheshi 2015, 09:51, par Simplice
Nihatunganwe Amatoro Meza Hanyuma Turonke Indongozi Nziza Zitwarira Abarumdi Bose.
24 Ruheshi 2015, 09:57, par Berikimas
kuberiki botitab ubw ntabwa bashaka kugira bavuge indi? mana tabara ubund kuko poritike yomuburundi iragoye utazi gukina inkinamico ntawoyishobora
24 Ruheshi 2015, 10:20, par ndabihayimana
ico mbona nuko leta yoreka kwihutisha amatora kuko igihugu ni cacu ntawe dupangishirije niganire naberwa n’amatora.
24 Ruheshi 2015, 10:50, par mukobwajana
ABA DD BARAMAZE KUGABURA IBIBANZA NA BA GASTON JSCQUES NA COPA .NTACO BOKORA KINDI CICA LES CALCULS KANDI NTA MAHORO BASHAKA
24 Ruheshi 2015, 10:58, par MAndela Wilson
None abo ba Dd kwaribo bari kubutegetsi kandi ikiringo kibandanije akaba arinyunguzabo bankiriki ibiganiro vyugutunganya amatora meza?
24 Ruheshi 2015, 11:02, par Hassuman
Umutama Agathon niyirambire ahubwo kuko ntakuntu abarundi tuguma dupfa kubera intwaro mbi rero president ntitumushaka
24 Ruheshi 2015, 11:33, par JEAN
BANYINA MUTAMA NTIBAGUSUKE UTEMERA IMPANURO ZABABANYI NABAGENZI NTAKAZOZA KEZA UBUFISE BAREKE BAYIJANEMWO TUZE TURABE AYOMATORA ATEMEGWA NABANYAGIHUGU NAMAKUNGU KAZOZA KAYO EMWE UWUZOBARAMAZE KA2 AZOBONA VYISHI IVYA CN.DD NINKINAMICO PE!!!!
24 Ruheshi 2015, 11:48, par cumacindubaruba
Eweee Rwasa we ukwo kutagira uwuguhanura nico kizotuma uzopfa ataco wimariye muri politique, nko kwikura kwizina rya Fnl ngo ugiye kuja munani, ntanahamwe kwisi turabona perezida ava munani, aba ari umugambwe umwe. jamais on ne vote pour la coallition, kiretse nyamba ari amafranga baguhaye kugira ngo upfapfanye Fnl hama les anciens dirigeants bagume bakurirako, kuko ntivyumvikana uravye ivyo fnl yabonye 2010.
24 Ruheshi 2015, 11:55, par nduwimana
nta biganiro bigikenewe kuko déjà amatora yageze...ubwo nubundi buryo muriko muhiga mwiteza utunyoni ngo tuje muri leta mfatakibanza.ivyo rero bikaba vyarataye igihe rwasa.
Twe tubona ko nyamba wemera ko ufise abanywanyi vyukuri woja mu matora kuko ubu c trop tard kandi muziko arimwebwe opposition mwatumye ibiganiro bihagarara muguma mwitoza utunyoni....ivyibiganiro...bayi...!!!
24 Ruheshi 2015, 12:04, par NDUWIMANA
IBIGANIRO NI SAWA ARIKO APANA UBU KUKO DEJA LE 08/07/2015 HAZOBA HARI ABASITANTERI NABASHINGAMATEKA BASHASHA.
OPPOSITION NA JEWE NDIMWO TWEMERE KO AMATORA ABA HANYUMA NYAMBA TURI BENSHI TUZOTSINDA HANYUMA UWUTSINZWE NTIBATSINDAHO.
24 Ruheshi 2015, 12:36, par dede
@NDUWIMANA, uri ikigugu nturi umu opposant widuhenda
24 Ruheshi 2015, 12:36, par Uwubizi
Ico nohanura opposition: Leta ikaramuka igiye mu matora yonyene(kuko Concilia na Agathon co kimwe na Copa bose ni bamwe) muzoce mushinga Leta na mwe. Ni ukuvuga abasitanteri, ba Gouverneri, assemblée na Gouvernement mwebwe(opposition n´igice ca CNDD/FDD gishigikiye amahoro). Amakungu muce muyasaba kubemera.
Ibi ndavyanditse kuko Uburundi butegerezwa kubandanya bubaho. Or Nkurunziza nta burenganzira afise bwo kwitoza. Kubera azoba agize coup d´Etat vaut mieux ko abo bandi na bo bisuganya hanyuma amakungu akazohitamwo umwe yibaza ko ashigikiye amahoro. Aho Leta izoba iri hose ni yo izemerwa hanyuma mukazoca mutunganya amatora arimwo bose kandi akwije les condtions kugira dusubire kubaho à la normale.
24 Ruheshi 2015, 12:39, par NZEYIMANA
ivyo Rwasa avugo vyo ntanuwo vtyosamaza kuko ejo nyene azovuga ibindi. kandi namatora azoyajamwo
24 Ruheshi 2015, 12:54, par Emile ibrahim
Agathon ahubwo nimwe mudashaka amahoro kubera muguma mushaka ko tuja muri transition kuko ibiganiro sico kibazo ikibazo ahubwo ni mwebwe nubu mwova muvyo murimwo ibintu vyogenda neza cane ntaco muta umwanya muja mubiganiro ite kumatora hama ibiganiro inyuma yamatora canke muvuge ko mwayatinye.
24 Ruheshi 2015, 13:39, par jewe
Iyabantu bavuga imintu bakongerako babesha ngo nano muri opposition baba bashaka gushika kiki?
24 Ruheshi 2015, 13:55, par Gabriel Bangirinama
ICONGUKUNDIRA URI UMUNYAPOLITIKE AZIRA UBUHEMU,UBUCANGERO,UBURYARYA.URUMWE MUBANYAPOLITIKE UTEMERA KURIRA KUMARIRA YABAKENE IMPFUVYI N,abapfokazi.Hari Abantu Bitwa Abagabo,ariko Ubugabo Bwabo Buhagaze Ko Bafise Ubwanwa Kumunwa Gusa.
24 Ruheshi 2015, 14:30, par None?
Rwasa iconiciyumvirocawe, kandi turakwibuka nomumatora 2010 Ivyovyoserero wumvabitamezeneza vyandike kurupapuro uzobiahikiriza abategetsi bashasha tugiyegutora arukubu ntamwanyanya.
24 Ruheshi 2015, 14:30, par Louis
Vyiza hotangura ibiganiro hanyuma bimaze kugira ico bishitseko tugaheza tugategura amatora meza ashimwa na bose mu mwidegemvyo.Komera kandi twirambire.
24 Ruheshi 2015, 14:32, par Louis
Vyiza hotangura ibiganiro hanyuma bimaze kugira ico bishitseko tugaheza tugategura amatora meza ashimwa na bose mu mwidegemvyo.Komera kandi twirambire.
24 Ruheshi 2015, 16:29, par peace
bazogumya baguhenda kugeza ryari?? uziko wamenga ngo ntuzi ico ushaka? urushwa ubwenge n’uruyoya!!!
24 Ruheshi 2015, 17:11, par James
Leta ya president Nkurunziza, nabambaribe Nyamitwe, General Adolphe Nshimirimana,Nyabenda nu mukozi wako kangwi claver Ndayicariye ndabamenyesha y’uko bakinda bagaramye canke bicaye tamatora azoba indi migambwe itarimo,mbega babesha amakungu y’uko harindi migambwe izitabira amatora mbega Bigirimana na Consillia Abarundi bose baziko barundera inyugu ziwabo nambere na bakozi bumushikiragaji Duwimana
24 Ruheshi 2015, 18:55, par CONGERA
rwasa niko yama naya 2010 ntayo yitsvy ariko amakungu yarayashimy. turamumenyerey kandi abarundi isinzi tuzoyajamwo kandi turAYEMERA
24 Ruheshi 2015, 18:56, par Uwubizi
Nashaka gukosora aho navuze ngo Conciliya na Agathon. Oya nashaka kuvuga Conciliya na Jacques co kimwe na Copa ko ataho batandukaniye na CNDD/FDD ya Peter.
Sorry
24 Ruheshi 2015, 19:13, par Gregory
24 Ruheshi 2015, 19:30, par masabo
Rwasa yaramaze gupancika kabisaa!! Asigaye avuga nk’akana gato kavuga ivyo katazi
24 Ruheshi 2015, 19:35, par John
Abo Bose Biyita Ngo Ni Opposition Ntibazi Ko Amatora yaheze Hasigaye Formalité.Nico Gituma Kuyanka Ataho Vyokunda.Mugume Mwibuka Ka Bacemwo.Nibahunga Hazosigara Aba DD Bayemeze.Politique Iragoye.Muvyitondemwo.
24 Ruheshi 2015, 20:01, par jules césar
ivy’uburundi ni akayobera bahinga gusa n’ugusaba Imana ivyo yasezeranije bzoshike.
24 Ruheshi 2015, 20:27
MINAN JEAN
24 Ruheshi 2015, 21:19, par TITO
Komera mutama niwew imana iteguye gutunganya uburundi n’abarundi nayo peter yobay intwari non bamwe baravyanse
25 Ruheshi 2015, 00:15, par platon Honest
Umurundi afise ubwenge ntakwiye kwitaba Iyo nkina muco.kandi umunyepolitike wese azakwifatanya na dd amenye nezako azagira ingorane.Rwasa ni wewe muhutu wenyene dusigaranye ushoboye gutwara,turaguha ihangane n ugusenga.
25 Ruheshi 2015, 00:15, par platon Honest
Umurundi afise ubwenge ntakwiye kwitaba Iyo nkina muco.kandi umunyepolitike wese azakwifatanya na dd amenye nezako azagira ingorane.Rwasa ni wewe muhutu wenyene dusigaranye ushoboye gutwara,turaguha ihangane n ugusenga.
25 Ruheshi 2015, 16:37, par #####
jewe ndisabira Rwasa ko bitarenze kuwagatandatu wiyindwi yaba yamenyesheje abantu aho ahagaze kugira abamushigikiye bamenye uko bazotora,nivyanka amajwi yacu tuzoyaha CNDD-FDD ntakundi ibibi birarutana.
26 Ruheshi 2015, 07:56, par BOSCO
NARABE YEMERE AHANDI HO AMAJWI TUZOYIHERA C N DD FDD
26 Ruheshi 2015, 12:16, par Levis
Amatora meza ajamwo abarundi bose atawukumiriwe canke atotezwe, abarundi nibaje hamwe bavugane ikibazo cabo si no ntawusomera basemerera!
16 Mukakaro 2015, 16:59, par Jean Claude BIZOMENYIMANA,SouthAfrica
Nagira nshimire bimwe bivuye kumutima abatanze ivyipfuzo vyabo bamagana Peter Nkurunziza na CENI yiwe kobokomera kokandi atmvura idahita, igihe nikigera tuzobajana i Lahe.Imana ihangaze uburunndi n’abarundi.Murakoze