Accueil > Poritike > Rwasa Agathon avuga ko hariho umugambi wo kumuha ishano
Rwasa Agathon avuga ko hariho umugambi wo kumuha ishano
mercredi 9 Nzero 2013
Uyo munyepolitike yahunze igihugu ciwe avuga ko ariwe akirongoye umugambwe fnl, yemeza ko Reta y’u Burundi igifise umugambi wo ku mugandagura n’abanywanyi biwe, Agathon Rwasa mwikaseti yarungikiye Radio bonesha fm avuga ko afise inkuru ko hakoreshwa uburozi sumu.
Rwasa avugako uburozi sumu ryamaze gushikanwa mu Burundi eka ngo n’abazoritanga mu ma hoteri, amazu y’uburiro n’ubunywero bukomakomeye ngo ico gikorwa kizokorwa n’abasirikare ngo bazokwiyita ko bazoba bari mu karuhuko.
Mw’ijambo riri mw’ikaseti ryarungitswe kuri radiyo Bonesha, uyo mu nyepolitike yahoze arongoye umuhari w ‘abarwanyi FNL avuga ko abateguye uyo mugambi ari bamwe mu ndongonzi z’intara zishikira k’umukuru w’igihugu,bamwe mubasirkare bakorera mu biro bikuru vya gisirikare n’abarongoye igipolisi kijejewe gucungera inzego ba somambike b’umukuru w’igihugu n’umukuru w’iperereza.
Agathon Rwasa avuga ko abandi bashobora kugandagurwa ari bamwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ngo bakunda kugira ico bavuze ku bitaganda neza mu gihugu.
Uyo acemeza ko ariwe arongoye umugambwe FNL arabeshuza inkuru zivuga ko ari mu gutahuka,akavuga ko ababivuga baba bariko barajuragiza abanyagihugu.
Si irya mbere uwo munyepolitike yahunze u Burundi ashikiriza ivyiyumviro mu makaseti kandi kenshi yagiriza ubutegetsi gutoteza abanywanyi biwe batavuga rumwe na Reta.
Reta ifata ubwo butumwa nk’ubudafise ishingiro.
kw’ifoto:Rwasa Agathon
Raymond Nzimana
Messages
11 Nzero 2013, 05:22, par Ouma
Nawe azabagandagure!!!!!!!!!!!!!!! ntawumurusha!
11 Nzero 2013, 20:22, par Etienne
Ahatho rwasa kwariwe wambere mukugandagura abantu (abanyamulenge 166 baguyeugatumba) nonese yabagandaguye nawe nimba bashaka kumugandagura
12 Nzero 2013, 07:34, par 50 cent
Uwo mugabo aho gutanga ivyiyumviro vyubaka aja muvyo kugumura abantu ntawumunezwe n,atahuke canke arindiriye kuzopfira mubuhungiro ivyiyomviro nkivyo amenye ko ataco bifasha uburundi n,abarundi
14 Nzero 2013, 02:00, par SIMBANDUMWE Napoléon
Mbega kuberiki LETA itigera itanga itangazo ryo guhumuriza Agathon? Mbega hoho ubwo uwo mugabo yoba yandikira LETA canke yandikira amaradio gusa?