Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon:Ibiganiro nivyo vyotorera inyishu ikibazo c’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon:Ibiganiro nivyo vyotorera inyishu ikibazo c’Uburundi

Rwasa Agathon:Ibiganiro nivyo vyotorera inyishu ikibazo c’Uburundi

vendredi 29 Rusama 2015

Rwasa Agathon arongoye urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi amenyesha ko abarundi bose bashaka kwitaba amatora,ariko amatora ataryanisha abarundi.

Rwasa Agathon avuga ko ata murundi numwe adashaka kuja mu matora,ariko ayo matora yoba amatora Atari ayo uruhendo, hamwe ibiyavuyemwo bihuza abarundi bose atari kubateranya.

Umukuru w’urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi akamenyesha ko inyishu ku bibazo biri mu Burundi ari ukwicara hamwe bakaganira,umukuru w’igihugu nawe akicarana n’abarundi bakavugana ku biuanye no kumwemerera kwitoreza ikiringo ca gatatu.

Rwasa Agathon akamenyesha ko batavuye mu matora ariko ko banse kwitaba amatora aryanisha abarundi,kuko n’amakenga muri ayo matora amaze kwibonekeza,afatiye kw’itangwa ry’amakarata y’abatora ririko riba mw’ibanga.

Messages

  • Ariko Abarundi Murasetsa!Agathon RWASA Mwibagiye Icyoyakoze2004 Kumpunzi Z’Abanyamurenge Zariziri Mugihugu Cy’UBURUNDI?Numvakwarimokwiyamamariza Kuba Perezida!!Sha!Nimumutore Nzoraba Azabamarira Kw’icumu Ndabarahiye

  • nyakubahwa Rwasa Mbe Ntubona Ko Uriko Urazimiza Abantu Bawe Wew Uguma Uhindura uhindukiz reka guhubish abo watanz kuzitoz mukomine na bashingamteka kuko wew rwasa abanywanyi bawe barakubona ndagusavye yuko woyagumamwo kuk vyose n,imana harigihe woshika imbere gumamwo abawe barakubona

  • Mwork Hho Abanyagihug Bagac Urubanz Sivy

  • Ariko mbonimpa urukijuju gushika iyohose?uwokubaza kurivyo uvuze ko ubizi?canke mubishe abanya murenge canke nawe warimwo (usilo li juwa ni sawasawa na giza)humura ureke kuvuga ivyo utazi.

  • Umvamugenzanje Juma.Ivyo Mvuga Agathon Rwasa Wenyene Yambera Icabona.Kukoyabivugiye Kw’iradiyo Mpuzamahanga BBC Gahuzamiryango.Ko Ariwe Yakozeryabara.Ndakugir’inama Mwamaganirekure Atazahonya Uburundi

  • Pauvre gwasa,baramusubiriye,kumwe kwo muri 2010!Aho yagwaniye ngo yitoze n’ubu asubiye kuviramwo ku muryango!Nta kundi ko kugira coalition n’abatutsi mana yanje,n’abandi bahutu za murarabira aho,mbega ntimubonako bahenda bamwe ngo bave mu matora kuko bo ata bantu bafise,

    Ahubwo hari ico mutazi,Jacques Bigirimana yoba abangamiwe na Pacifique Nininahazwe na Vitali n’abandi batutsi bo muri opposition,bashaka kumwica kumwe kwa feruzi kubera ngo yatwaye abantu bose gwasa,gwasa ngo yagiye mu myiyamamazo harabura n’igihori kiza ,rero ngo ba pacifique ngo bafashijwe na CIA bagomba kwica Bigirimana ko we yanse kuva mu matora akaba afise n’abanywanyi benshi,rero murabona abatutsi ntibashaka amatora,jacques arageramiwe yicunge ce week end kuko urabona bafise muri programme ko chaque week end bica umu opposant w’umuhutu ,mwa bihutu mutabona birabasha abatutsi bariko barabashuhiriza agasabiko,mwongere muze mubitereka imbere ntimuzovuge ngo ntimwaburiwe genda mwaguye ayo mazuru muyararamike kurusha aho ,batayasongoye bazoyafyitarika kurusha!!

  • Abarundi nk,abose gushika niyisaha ntiturabimenya ariko ngo bazoheza ejo!!!!

  • @Mbonimpa
    None kwica abanyamulenge bisigura ko umuntu aadashobora gutwara après ça?Urihenze cane bapfuye nka bandi bose bishwe,tutibagiye ngendandumwe yarashwe n’umunyamurenge,impunzi zahereye i buvira zishwe n’abanyamulenge ,ahubwo yishe bake,sinumva ni co bakora mu gihugu cacu baragapfa bangara,batumariye muri tanganyika ni nabo bari mu migumuko za cibitoke na mutakura, bapakurura ama wc bakwiragiza colera n’amacinya mu gisagara,harabuze uwobasubira,abarundi mutekereza cane,no mu rwanda benewabo babakuyemwo hafi igihumbi,i wacu baraje birigwa barigira surimbwa,ba batutsi bashaka gu sacrifia,ntimwo sacrifia abo banyamulenge!!!

  • turabarundi twese ntamuhutu ntamututsi yarazwe ubu

  • Eh oui, les choses ont ete precipite il faut une revision du fond en comble de tout le processus electoral. Nkurunziza et son parti doivent aussi s’y conformer.

  • Rwasa Arihenze,yari Kugumamwo Sinon Asubiye Kurekera Urubuga Fdd Yonyene Kandi Birambabaje.

  • HAMWEYOKWITOZA RWASA VYOTUNEZERA

  • emma

    gwasa bwabundi ntacurico abatutsi bazoreka kuguhenda kugeza ryari? abobantu murikumwe ntibagukunda kuko abo ntabanywanyi bafise nicogituma bakosha ngo ntuje mumatora kuko wewe bazi kufise abanywanyi beshi gwasa raba wikebuke uje mumatora

  • kuvuga gusa abanyamurenge ntuvuge abahutu bamariwe muri congo na fpr inkotanyi? bose bava amaraso

  • Erega uwo mushingantahe arabonako abarundi dukwiye kuruhuka

  • Azohera kuri gwi Nditije

  • uburundi nabarundi tuzira intumva nk agathon ariko sebarundi nyenicubhr P.Nkurunziza ari nawe Musa wakabir IMANA yaturungikiye arabibona gusa IMANA imurinde.

  • Ivyo Nivyiza Koko Igihugu Kigez’ahatemba Mwicare Hamwe Muje Mubiganiro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.