Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon yitezwe mu gihugu mu minsi ibiri
Rwasa Agathon yitezwe mu gihugu mu minsi ibiri
dimanche 4 Myandagaro 2013
Hari haheze amezi atari make hariko havugwa umuzo wa Rwasa Agathon, yari amaze imyaka itatu mu buhungiro. Aimé Magera, umuvugizi wa FNL amenyesha ko Rwasa Agathon azoshika kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Myandagaro, kandi abanywanyi biwe biteguriye kumusanganira.
N’aho atatomoye namba Rwasa Agathon azozanana ku kibuga c’indege ca Bujumbura, Aimé Magera avuga ko bamenyesheje umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ibijanye n’umuzo wa Rwasa Agathon mu gihugu c’Uburundi.
Mwomenya ko abandi banyepolitike bari bahunze igihugu inyuma y’umutekano muke wakurikiye amatora yo mu mwaka w’2010 baciye ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Aho twobabwira nka Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et le Développement) hamwe na Pascaline Kampayano wo mu mugambwe UPD (Union pour la Paix et le Développement)
Egide Nduwimana
Messages
6 Myandagaro 2013, 03:02, par Erast ninyibuka
Umushingantah Rwasa Agathon natahe yitegurir kujamumatora.mbega leta izosubira kwiruka kubanywanyiba FNL.yarwasa??Nizerko bihez
21 Rusama 2015, 21:16, par BIZUMUNGU_ABEL
MBEG,UZITOZA,CANKE,NTUZITOZA.INYISHU