Accueil > Amakuru > u Burundi > Rwasa, imbonerakure : bimwe mu bibazo vyagarutse mu kiganiro c’abavugizi ba (...)
Rwasa, imbonerakure : bimwe mu bibazo vyagarutse mu kiganiro c’abavugizi ba Leta
samedi 21 Nyakanga 2013
Abavugizi b’ubushikiranganji bwose bugize Leta y’Uburundi baratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru n’abanyagihugu ku munsi w’ejo kuwa gatanu, ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke. Muri ico kiganiro, hagumye hagaruka ikibazo ca Rwasa Agathon n’ibikorwa vyurwaruka rw’imbonerakure benshi bavuga ko rwivanga mu kazi k’abajejwe umutekano.
Muri ico kiganiro cama kiba uko amezi atatu atashe, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, Agnès Bangiricenge yamenyesheje ko ivyaha abanyamulenge bitwaye bagiriza Rwasa Agathon bitarabwa n’ubudahangarwa vy’agateganyo bwahawe abanyepolitike bahoze ari abarwanyi. Mu gihe ubwicanyi bwakorewe abanyamulenge mu Gatumba bwabaye ku genekerezo rya 13 Myandagaro 2004, Agnès Bangiricenge, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa amenyesha ko amasezerano yateweko umukono atomora ko ivyaha vyakozwe kuva mu kiringo c’igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962 gushika igenekerezo rya 8 Rusama 2003 bizotohozwa n’umurwi mpuzamakungu ujejwe amatohoza, kuko ari nawo uzosigura ivyaha vyakozwe ivyarivyo.
Uwo murwi niwo azoshobora gutandukanya ivyaha vyo mu ntambara, ubwicanyi bw’agahomerabunwa n’ivyaha vy’ihonyabwoko. Nk’uko Agnes Bangiricenge yabisiguye, ivyaha vyakozwe inyuma y’ico kiringo, harimwo n’ubwicanyi bw’abanyamulenge mu Gatumba, birabwa n’ubutungane bwo mu Burundi, ari naco gituma umushikirizamanza mukuru wa Repubulika afise uburenganzira bwo gutumako Rwasa Agathon umwanya uwariwo wose, agatanguza amatohoza.
Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa yatanze uwo muco mu gihe abatari bake bahora babaza igituma ubutungane bw’Uburundi bwoba butanguriye kuri ubwo bwicanyi bwakorewe abanyamulenge mu Gatumba, bukirengagiza ubundi bwinshi bwakozwe mu gihugu harimwo n’ubwakozwe i Buta n’umuhari CNDD ukiri mw’ishamba.
Urwaruka rw’imbonerakure rukomoka mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi rwaragabishijwe n’umuvugizi w’igisirikare, Colonel Gaspard Baratuza, arwibutsa ko amategeko atomoye ku bajejwe umutekano mu gihugu. Colonel Gaspard Baratuza, muri ico kiganiro camaze amasaha atatu yamenyesheje ko batazokwihanganira abasubira kwambara umwambaro w’igisirikare canke igisanira cawo. "Uwuzofatwa yambaye umwambaro wa gisirikare tuzowumwaka, twongere kandi tumushengeze mu butungane, kuko amategeko y’igisirikare aratomora ko ata muntu n’umwe afise uburenganzira bwo kwambara uwo mwambaro atari umusirikare w’igihugu". Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare ivyo akabimenyesha mu gihe mu birori vyo kwigina imwaka itatu umugambwe CNDD FDD umaze uri ku butegetsi ku kiringo ca kabiri, bamwe mu mbonerakure za CNDD FDD bari bambaye impuzu z’igisirikare.
- Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi
Kuri ico kibazo c’imbonerakure biguma bivugwa ko zivanga mu bikorwa vy’abasirikare, Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko kumwe umukuru w’igihugu yahagurukira umutekano wari wabaye ndanse mu ntara ya Bujumbura rural, umukuru w’igihugu n’ubu ariko arategura inama hagati y’abajejwe umutekano, abajejwe ubutungane n’abajejwe intwaro, kandi ko muvyo bazoganira n’ico kibazo c’imbonerakure kirimwo.
Mu gihe turiko turegereza ikiringo c’amatora yo mu mwaka w’2015, mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu basavye abanyepolitike kugendera kuvyo biyemeje mu nama yabahuje kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika ku genekerezo rya 13 Ntwarante 2013, iteguwe n’ishirahamwe BNUB. Mu ntumbero yo gufasha kuzokwinjira mu matora y’umwaka w’2015 icuka ari ciza, Evariste Nsabiyumva, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji asaba ko abanyepolitike bokwitwararika kugendera ku rupapuro rw’inzira rw’ivyo biyemeje, Leta y’Uburundi nayo ikazokora ivyo yiyemeje.
Egide Nduwimana
Messages
21 Nyakanga 2013, 07:04, par Nsabiyumva Isaac
murakoze kuduha amakuru yo muhira iwacu