IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rweru : Ibindi biziga bibiri vyatowe bireremba

Rweru : Ibindi biziga bibiri vyatowe bireremba

vendredi 31 Gitugutu 2014

Abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru basubiriye kubona ibindi biziga bireremba ku kiyaga Rweru kiri muri komine Giteranyi intara ya Muyinga. Abo barovyi bavuga ko ivyo biziga bifitaniye isano n’ibishika kuri 40 vyaheruka gutorwa, gushika n’ubu Uburundi n’Urwanda akaba ata n’umwe yemera ko azi amamuko yavyo.

Nk’uko abo barovyi babimenyesha, ivyo biziga bibiri vyatowe bibohewe mu magunira, mbere bikaba vyari vyaraboze, ibiro ntangazamakuru vy’Urwanda bikamenyesha ko abo bantu boba bari bamaze iminsi myinshi mu mazi, nk’uko bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda babimenyesha.

Ivyo biziga bitorwa ku kiyaga Rweru gihana urubibe n’igihugu c’Urwanda biboneka bitekewe mu magunira, biboshwe imigozi ikomeye, hejuru hari amaraso, hamwe n’ibindi biba vyambuwe impuzu, nk’uko abarovyi bakorera kuri ico kiyaga Rweru babimenyesha. Kuva mu kwezi kw’indwi, ibirenga 40 akaba arivyo vyabonetse, ivya nyuma bibiri bikaba vyari bigizwe n’umugore atari yambaye, hamwe n’umugabo atekeye mu kamwanya. Abo barorovyi bamenyesha ko basubiriye kubona ibindi bibiri.


Egide Nduwimana

Messages

  • 94 Abanyarwanda bamaranye twebwe abarundi turebera none nubundi barasubiye kumarana turebera tugiyekwicwa nintuntu peee! eregaburya hapfuye umunyarwanda kuritwebwe abarundi umubabarotugira ntahutaniye nigihe hapfuye umurundi.?
    Raba amakungunayo keshi ntashaka kugira icavuze kubera igitigiri cabishwe kitarakwira umuliyoni abanyarwandanabo murabona ntibavuga bagezaho nuwubuze uwiwe abwira ababanyi ngo murahigwa ntimuzogire uwomubwira kobamutwaye.
    Burya intwaro yigitugu nimbi! nabashirahamwe adaharanira ivyicaro muri leta ntavuga, ariko twebwe hano Burundi amashirahamwe yacu adaharanira ivyicaro muri leta ahokunuma abonye abuze icavuga arapfuma agahimba igihuha ngo leta yabo iriko irategura jonoside! Maze Bulaya America na ONU bagasidukana niyonka baza Burundi abarundinabo bazakubasanganira bakaza ari abahutu abatutsi nabatwa bose bakavugirarimwe ngo, Kazeneza muburundi bwacu bwamahoro twarose bigoranye bati murabizi kukonamwe mwabigizemwo uruhara.

  • vyukur birababaj kubona ibiziga vyumur ngerabigumabibo nekakandi retayuburundi mbeseniyurwanda barakwiy kwigicokibazokukokirababose bakwiy kujinama bakongerezaumut kano no mubanyagihugu ekanabagendijoro bakababuza ukor ro ntawoheza agendijorokandazikobabibujij ukobofata ubobakozibikibi kukobirat yagahinda vyukuri nakamaramaza dukwiye kwicarahamw dukafatanamunda arikontitwocatubankibikoko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.