IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > S design ya Siyomvo Billy yatanguye gukorera hano i Bujumbura

S design ya Siyomvo Billy yatanguye gukorera hano i Bujumbura

mardi 26 Ruhuhuma 2013

Siyomvo Billy ni umusore w’imyaka 19 w’umurundi yavukiye hano mugisagara ca Bujumbura muri komine ya Ngagara akaba azwi kubw’umwuga wiwe wo kudesa no kwambika abantu (styliste designeur).

JPEG - 65.3 ko

(impuzu yacafwe yongera ikorwa na Vanessa Ishimwe (styliste designeur accessoiriste) yambikwa na Siyomvo Billy)

yatanguye uwo mwuga wiwe haraheze imyaka itatu i kigali mu Rwanda aho yari yagiye kwiga amashure y’isumbuye kuri Riviera High School.

Yatanguye yambika aba moderi bigana kw’ishure mu ma defile yaba yateguwe n ishure yigako. niho yataguye guterwa intege nabari bamwegereye acabandanya aterimbere buhoro buhoro; aniga n’ibindi bijanye nuwo mwuga.

Amaze kurangiza amashure y’isumbuye aho hari mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze niho yaca ataha i Bujumbura aca yiyegereza abandi bakora uwo mwuga, aho twovuga nka Krystal wo muri krysbel design hamwe na vanessa wo muri vah fashion services bakaba baranamufashije cane mu kumwereka nkaho yogurira ibitambara, abatayeri n’ibindi bijanye n’impuzu; akaba abashimira.

JPEG - 52.8 ko
Krystal arikumwe Billy

Aramaze gufasha mu biteramo bitari bike, mu kwambika n’ugucapa ama modeli y’impuzu ziwe kuva aho atahiye mu gihugu ciwe aho twovuga nk’igiteramo cabaye itariki cumi na zitanu c’ugufasha abantu baburiye ivyabo mw’isoko n’ibindi vyinshi.

JPEG - 47.3 ko
Billy na Vannessa

Kuri Siyomvo Billy abicishije muri S design arashaka gushika kure kwambika aba modeli benshi, haba abino iwacu canke abo mu makungu.

Tumwipfurije guterimbere.


Alice-Anny AKINGABIYE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.