Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sahara : Abantu 35 bahitanywe n’umwumwa bariko barimuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sahara : Abantu 35 bahitanywe n’umwumwa bariko barimuka

Sahara : Abantu 35 bahitanywe n’umwumwa bariko barimuka

mardi 29 Gitugutu 2013

Abantu bashika kuri 35 bava mu gihugu ca Nigeria barishwe n’inyota mu bugararwa bw’igihugu ca Niger, mu gihe umuduga barimwo wahura n’ingorane, ugapfa.

Abo banyanijeriya rero 35 bakaba bahitanywe n’inyota mu gihe bariko barimuka baja kwegera inyanja ya Mediterranée. Abanyagihugu bavuga ko baharuye abashika kuri 35, barimwo abagore n’abana, baryamye kw’ibarabara nk’uko bimenyeshwa na Abdourahmane Maouli, umukuru w’igisagara ca Arlit.

Mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu uyu mwaka naho nyene, abandi bashika kuri 40 babanyanijeriya buzuyemwo abana n’abagore, barahitanywe n’inyota bariko baja mu gihugu ca Algerie, abandi nabo benshi bivurwa ko boba batamenyekanye irengero ryabo.

Rhissa Feltou avuga ko ku wa 15 Gitugutu,imiduga ibiri yari itwaye abantu bagera kuri 60, yahuye n’ingorane ishitse mu bugararwa bwa Sahara. Umuduga umwe warapfuye, haciye akanya uwundi nawo uca usiga abandi kw’ibarabara uja kurondera ivyuma vy’uwapfuye, uwo nawo ugiye ntiwagarutse.

Mu bugararwa bwa Sahara rero, abantu bakaba bakunda kuharwa kubera ingorane z’ukubura aho baronka amazi, muri ico gihe umuntu aragenda umwanya n’umwanya ataronka amazi, agateba akitaba Imana kubera kwicwa n’umwumwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.