Accueil > Inkino > FOOTBALL > Saido Berahino ariko akurikiranwa n’ubutungane bwo mu Bwongereza
Saido Berahino ariko akurikiranwa n’ubutungane bwo mu Bwongereza
mardi 25 Munyonyo 2014
Umukinyi mpuzamakungu w’umupira w’amaguru Saido Berahino ari ko akurikiranwa n’ubucamanza bw’igihugu c’Ubwongereza ku caha co kunyonga imodoka mu muvuduko munini kandi yaborewe.
Kw’igenekerezo rya 22 Munyonyo isaha icenda n’inusu z’ijoro (3h30), igiporisi co mu Bwongereza cahagaritse Saido Berahino mw’ibarabarabara bita M6. Yahagaritswe kubera yariko agenda mu muvuduko munini. Si ico gusa, Saido Berahino yagirizwa ko yari aborewe. Azorenguka mbere y’ubutungane mu ntango z’ukwezi kwa Kigarama 2014, ico gihe hazofatwa ingingo yo kumurekura canke akubitwe inkoni mu gahanga.
Mbega arushijwe bizoca bigenda gute?
Saido Berahino akina mu murwi wa West Bromwich Albion arushijwe azoca apfungwa amezi atandatu (6mois) nk’uko amategeko y’ibarabara yo muri ico gihugu abivuga. Amakuru duhabwa na Désiré Nimubona wo kw’Isanganiro avuga ko abakunzi biwe bakiriye nabi iyo nkuru mbi. Bamwe bati : "Saido w’imyaka 21 yiyumviriye nk’umwana kuko ntiyari kurara aragenda ijoro kandi azi ko ashobora guhura n’abaporisi, kandi yari ashoboye kuriha ihoteri kuko nta mahera yo kuriha yari abuze.
Cherif Nkeshimana
Messages
25 Munyonyo 2014, 18:42, par Epimac
Kumbure yaritiranije, yibagira ko Vitesse ifise ibarabara yongererenzwamwo, ikindi kizira kunywa inzoga ukanyonga imodoka, hanze ni icaha. Rero aremanga, hariya ni iburaya.
26 Munyonyo 2014, 10:23, par berakumenyo
Ahaaaaa! Bahungu, "akabaye icwende ntikoga", kandi ngo, " iranura ntishira irenda"! Nta kundi vyagenda da!
26 Munyonyo 2014, 10:23, par berakumenyo
Ahaaaaa! Bahungu, "akabaye icwende ntikoga", kandi ngo, " iranura ntishira irenda"! Nta kundi vyagenda da!
26 Munyonyo 2014, 11:50, par rashaadrashaad
Aragafungwa kubera yacumuye mukuboregwa kandi ari umuisiramu arazi kuboregwa muba isiramu nticaha gikuru ntico gituma bamufashe ese nibamufunge kabisa araraduteye isoni twebwe abaisiramu
26 Munyonyo 2014, 19:38, par umu full
ahubwo akwiy gukizwa kuko kuborerwa ni icaha gikomey.ntiyitirany Europe na Burundi .niyemange ntakundi kimwe gusa niyihana kuborerwa nibindi vyaha Imana izomwibuka.
28 Munyonyo 2014, 13:05, par NTAHOMVUKIYE Privat
none gushika uno mus arapfunzwe canke aridegemvya
28 Ruhuhuma 2016, 21:38, par dj did
ntibaramubon ariko
31 Mukakaro 2016, 07:40, par ninganza pierre
none aho bamufashe nabi ntakuntu yovayo akigira mukihungu ciwiwe.