Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Saido Berahino ashobora gukinira chelsea - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Saido Berahino ashobora gukinira chelsea

Saido Berahino ashobora gukinira chelsea

mercredi 20 Nzero 2016

Umukinyi ava mu gihugu c’Uburundi Saido Berahino ashobora kuja gukinira umurwi wa Chelsea,inyuma yaho aronderewe n’imirwi ya Manchester United, Liverpool,Arsenal na Manchester City.

Ikinyamakuru 90min.com kimenyesha ko Saido Berahino ashobora gutahukira umurwi wa Chelsea kuko usanzwe ufise ibibazo vy’umusatirizi,kandi baguma batsindwa n’imirwi bahuriye mw’ihiganwa ry’Ubwongereza.

Umumenyereza mushasha wa Chelsea Guus Hiddink amenyesha ko mu gihe vyitezwe igurwa n’igurishwa ry’abakinyi muri uku kwezi,bategerezwa kuba baronse umusatirizi kuko abo bari basanganywe bakomeretse.

Guus Hiddink yavuze ko asigaranye umukinyi umwe gusa nk’umusatirizi Loic Remy uwo nawe akaba atamwemeza neza ko ashobora kugira ico afashije umurwi wa Chelsea.

Amakuru dukesha ico kinyamakuru nyene 90min.com amenyesha ko Saido Berahino ashobora kuba yashitse muri chelsea mu ntango z’ukwezi kwa 2 kw’igenekerezo rya 3.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.