Accueil > Inkino > FOOTBALL > Saido Berahino yankiwe kuja gukinira umurwi Tottenham Hotspur
Saido Berahino yankiwe kuja gukinira umurwi Tottenham Hotspur
jeudi 3 Nyakanga 2015
Umurwi West Bromwich Albion ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ubwongereza wankiye umukinyi w ‘umusatirizi Saido Berahino ava mu gihugu c’Uburundi kwimukira mu murwi Tottenham Hotspur.
Mu gihe isoko y’abakinyi yaheze mu gihugu c’Ubwongereza yahagaze kw’igenekerezo rya 1 Nyakanga 2015,umurwi Tottenham Hotspur, wagerageje incuro zine kugura umukinyi Berahino ariko umurwi akinira West Bromwich Albion, uranka kumurekura.
Saido Berahino avuga ko yababajwe n’ukungene umurwi wiwe West Bromwich Albion wamufashe,mu kumwankira kuja gukinira umurwi wa Tottenham Hotspur.Yavuze ko umurwi West Bromwich Albion wanse kumurekura atazosubira kuwukinira mu gihe cose Jeremy Peace ariwe azoba akirongoye uwo murwi.

Saido Berahino asanzwe akina kandi mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza w’abakinyi badashikana imyaka mirongo ibiri n’umwe, yinjije ibitsindo 22 mu murwi wiwe, West Bromwich Albion mw’ihig.nwa ry’umwaka w’2014-2015.
Umurwi Tottenham wari wemeye gutanga ku ncuro ya kane imiliyoni 24 z’amapaound, n’ukuvuga hafi imiliyoni 37 z’amadolare y’abanyamerika, mu gihe umurwi West Bromwich wo washaka imiliyoni 25 z’amapounds.
Van Naris Mugisha
Messages
3 Nyakanga 2015, 08:52, par jogingi marahwe
komeza ugir umwet ivyaw birinyuma
3 Nyakanga 2015, 12:49, par LION
Nicmureke uwomukinyi agend 1milio yamapound siyo bopfa kubera nahazoba agiy ntazobibagira
7 Nyakanga 2015, 08:46, par NTAKA MTANZANIA Desire
Hongera kijana wetu,ingawa haukuruhusiwa kuhama ,we endelea kufanya vema mguu wako ndo utakuruhusu ,kaza misuli kaka
7 Nyakanga 2015, 08:47, par NTAKA MTANZANIA Desire
Hongera kijana wetu,ingawa haukuruhusiwa kuhama ,we endelea kufanya vema mguu wako ndo utakuruhusu ,kaza misuli kaka