Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sat-b ahamagarira urwaruka kwirinda ikiza ruhonyanganda Sida - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-b ahamagarira urwaruka kwirinda ikiza ruhonyanganda Sida

Sat-b ahamagarira urwaruka kwirinda ikiza ruhonyanganda Sida

lundi 2 Nyakanga 2013

Mu giteramo c’igice ca kabiri gishira icanyuma c’ihiganwa rya Primusic caraye kibereye mu ntara ya Gitega, umuririmvyi Sat- B, imbere y’uko aririmba yabanje ashikiriza ijambo isinzi ry’abantu baraho, aho ahamagarira urwaruka kwirinda ikiza ca Sida.

Nk’uko uyo muririmvyi yatanguye abivuga, ikiza ca Sida ni umwansi w’iterambere ry’igihugu, gutyo abantu bose bakaba bahamagariwe guhagurukira icarimwe, bakarwanya ico kiza. Iryo jambo ry’umuririmvyi Sar-B rikaba ryaranezereye abantu benshi, ndetse akaba yashikirije iryo jambo, ku mvo zamutumye aririmba indirimbo yise, naramwishe, iyo nayo ikaba ivurwamwo cane, ubutumwa bwo kurwanya ico kiza ruhonyanganda. Muri iyo ndirimbo, agaruka cane ku mwigeme yari yaramaze kwandura Sida, maze aca afata ingingo yo kwanduza abantu benshi, mu nyuma aca yikundisha ku musore, aramwanduza mu nyuma uyo mwigeme atangura kwishimira ingene intumbero yihaye yo kwanduza abantu benshi ariko arayishikako.

Sat-B akaba yasavye abantu bose bamwumva, bakirinda sida, bakamenya ububi bwayo, na cane cane ubu butumwa akaba yabuhaye urwaruka, mu kuvuga ko sida ari umwansi akomeye w’iterambere ry’imiryango, ndetse n’igihugu cose muri rusangi.


Joel Sengurebe

Messages

  • SAT B
    ALIIMBA MZIKI MZUR MWENYE USHAUL KWAKILA ANAE WUSIKILA UKIMWI HAUCAGUI MZE MKEKULU KIJANA WALA MTOTO HONGELA SAANA KIJANA SAT B TOKA BUJUMBULA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.