Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sat-b aherutse gutorwa nk’umuririmvyi wa mbere w’umugabo muri Afrika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-b aherutse gutorwa nk’umuririmvyi wa mbere w’umugabo muri Afrika (...)

Sat-b aherutse gutorwa nk’umuririmvyi wa mbere w’umugabo muri Afrika y’Ubuseruko

mercredi 9 Mukakaro 2014

Sat-b aherutse guhabwa umudari w’umujumbu yakuye mw’ihignawa "Kora Awards 2014" ryahuza abaririmvyi b’ibihangange bo ku mugabane wa Afrika. Amanota yatangwa bivanye n’amajwi umuririmvyi yagiye aronka, ayo nayo yatuma amara indwi nyinshi mw’ihiganwa.

JPEG - 73.5 ko
Sat b

Umuririmvyi Sat-b aherutse kuronswa urupapuro rw’umujumbu "Silver Certicate" rw’umuririmvyi wa mbere w’umugabo muri Afrika y’Ubuseruko. Urwo rupapuro yarukuye mw’ihiganwa "Kora Awards 2014". Yamaze iminsi asaba amajwi abakunzi biwe. Sat-b yamaze indwi zitatu ari ku rutonde rw’abaririmvyi bariko bahiganwa. Umuririmvyi yaguma ku rutonde kubera amajwi ariko ahabwa n’abakunzi biwe, vyatuma aronka urupapuro bivanye n’indwi yamazeko. Abaronse amajwi menshi bakamara igihe kinini mw’ihiganwa bahawe urupapuro rw’inzahabu" Golden Certificate".

JPEG - 35.2 ko
Urupauro rwahawe Sat -b

Urwo rupapuro "Certificat" rwamuhaye uburenganzira bwo kuja mw’ihiganwa nyezina rya "Kora Awards 2014".

Ku murongo wiwe wa facebook, Sat b yanditse uku gukwirikira :

"URAKOZE MANA!!!!
ncuti mperuka kuronka urupapuro "certificat" izontwara mw’ihiganwa "kora awards …………aho nzoja guhiganwa na davido, diamond, fally ipupa, koffi, mafiki zolo n’abandi murakoze mwese mwantoye muri benshi kubw’ivyo Uburundi bwacu buriko buraterwa iteka n’abo bwibarutse, Reka nsabe ikibanza kinkwiriye muri uno muziki w’uburundi nti # reka_mbege..."
.

Mwomenya ko muri iryo kurakuranamwo, harimwo abaririmvyi bagera kuri 62, hatorwa umuririmvyi w’umugabo n’umukobwa batorerwa gusumba abandi mu burengero, uburaruko, hagati, ubuseruko n’ubumanuko bwa Afrika.

Abaririmvyi bari ku rutonde n’indwi bamaze mw’ihiganwa


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.