Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat b arahakana yivuye inyuma ivyo bamuvugako
Sat b arahakana yivuye inyuma ivyo bamuvugako
vendredi 7 Munyonyo 2014
Sat-b arahakana yivuye inyuma amakuru avuga ko yoba yarahagaritse amasezerano afitaniye n’inzu y’ubuhinyanyuzi African Sound Records.
- Sat b na Kidum
Nta musonga wishe ibire hagati ya Sat b na African Sound Records. Ivyo bivugwa na Sat b mu gihe hari urukurukuru ko uwo muririmvyi yoba yahagaritse amasezerano. Sat b yumvise ayo makuru yumiwe, ati : "Ivyo n’ibiki? Ico n’ikinyoma cambaye ubusa, African Sound turakorana kandi neza". Ayo makuru avugwa kuri Sat b asa n’amakuru avugwa ko Emery Sun na Beni Nkomerwa bashobora kuba barahevye gukorana n’iyo nzu y’ubuhinyanyuzi.
Ivyo Sat B yabitubwiye iyo ari muri Kenya, aho yagiye gukorerayo indirimbo atumweko na Kidum, bakaba baranakoranye n’ururirimbo "Ntakufwata". Sat b ntavuga aho azogarukira, ariko ashobora kumarayo indwi zibiri. N’aho biri uko, Kidum ageze mu gihugu ca Afrika y’Epfo mu biteramo. Sat b yandika ko azoba ari mu biteramo kw’igenekerezo rya 19 na 21 Kigarama, vyateguwe na Iko Multiservice.
Umviriza aha munsi ururirimbo "Mu gacerere" rwa Sat b
Cherif Nkeshimana
Messages
18 Myandagaro 2015, 16:13, par jimmy
araka kelly
30 Nyakanga 2015, 15:00, par HATUNGIMANA FELICIEN
Je nukuri ntamuhanzi nkunda nka sat b naterimbere arakora araduhesha amateka kugihugu no mumahanga
26 Ruhuhuma 2016, 16:53, par ELIE
SAT B.ARARIRIMBANEZA.SHAKAKOYOZA RAKWIRAMUBITERAMO MUNTARAZOSE.NDIMUYINGA.
12 Rusama 2016, 19:17, par Furlahha Challes
Bit St b Iyo Nkuru Numva Niyo Ntabubeshi Burimwo?
6 Mukakaro 2017, 22:39, par Hakizimana
sat b Ndamukunda Ivyo bamuvugako Nurunywarunywa Iyo Ngeso Sat b Ntayo Yokora.
13 Ndamukiza 2018, 23:09, par Nakirutimana Erike
Andika hano Mumureke Akore Akazikiwe
13 Ndamukiza 2018, 23:19, par Ntakirutimana
Andika hano Aise Wakuache Nakusifsana Sitkuacha Hatasku Moja
7 Rusama 2018, 23:34, par siriyake cank wasiri
Andika hano SATB abantubaragoye babonye umuteye imber ntibashorakubura kubra ivyobavuga abisi abisi nihatari.bihoze abantusibomana.arikorero.MUBITARO BITANDUKANYE HARIHO IMBABARE ZABUZE UBURYO BWOGUSHIKAHANZ KWIVUZA KUBERA UBUKEN RABA UGIRE ICO UBAFASHIJ UBUKOZ
10 Ruheshi 2018, 16:01, par Nimubona Jimmy
jewe nkumukunzi wiwe nkabandi numukunzi wumuziki ndundi nomusabira koyokomeza uyumugambi kuko nikimwe muvyerekana kumuririmvyi arikaratera ajimbere nkakuriya kwa diamond kimwe nabandi ok vraiment respect kur king sat b nuwumukunda nkanje wese
25 Ruheshi 2018, 09:00, par Bigirimana
jewe nkumukunzi wiwe novugako sat-ageze kurwego rukomeye kandi ndamusa koyoza arakubitana umuziki nabandi baririnvyi bomubindi bihugu umuziki windundi ubandanye gutera imbere kandi ndamuhaye amashi kuko niwe king-sat-b
25 Nyakanga 2018, 11:13, par NKURIKIYUMUKAMA THIERRY
Sat B Ab Nabakwanka Arik Wankwa Na Bak Ugakundwa Na Bensh Twes Tur Inyuma Yawe