Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Makamba : Sat b arasigura igituma yatanze inoti z’ijana mu banyagihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Makamba : Sat b arasigura igituma yatanze inoti z’ijana mu banyagihugu (...)

Makamba : Sat b arasigura igituma yatanze inoti z’ijana mu banyagihugu isinzi

mardi 22 Mukakaro 2014

Nk’uko vyama bigenda mu biteramo vya Primusic, abaririmvyi Sat B, Patient Matabaro, Big Fariouz n’abandi nka Mkombozi, Rally Joe na Yoya, baronka umwanya wo kuririmba imbere y’abakunzi babo, biboneka nk’igipimo aho umwe wese ashobora kwiha ikibanza afise mu banyagihugu bumviriza kandi bakunda umuziki w’Uburundi. .

Mu giteramo c’i Makamba Sat b wewe yagiye mu banyagihugu abatamwo amahera. Ivyo yagize arabitangira insiguro, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE.

JPEG - 32.6 ko
Sat b ari mu banyagihugu

Mu biteramo vya Primusic, Sat b aravyifatamwo neza imbere y’abantu isinzi bitaba ivyo biteramo. Mu ntara ya Makamba, ibirori vyashushe, Sat b yavuye ku ruhimbi rwa "Primusic"aja hagati mu banyagihugu kuririmbirayo, maze aca atanga amahera agwiriyemwo inoti z’ijana.

Tumubajije igituma yabigize, Sat b yishura ati:" Iyo nibutse iyo Imana yankuye, numva noyishimira nciye ku bandi batamerewe neza, harya natanze amahera makeyi nari mfise nk’ishikanwa, kuko na jewe nahakuwe n’Imana n’abantu. Nabayeho mu buzima bwo gusabikanya, bike turonka dukwiye gusabikanya n’abandi, nico gituma ntahaye umwe nca mpitamwo kurwiza izo noti".

Inyuma y’ivyo, bamwe mubatoye ayo mahera ya Sat b bavuze ko basanzwe bamukunda kuko n’indirimbo ziwe zibakora k’umutima, kuko avuga ahanini ibiba mu buzima bwa minsi yose.

Sat b arangiza ashimira Imana hamwe n’abakunzi biwe badahengeshanya kumushigikira. Mukamenya ko amatwi adusumira, inoti 50 z’ijana jana zingana n’amafaranga ibihumbi bitanu vy’amarundi, ariyo Sat b yoba yaratanze muri abo banyagihugu b’i Makamba.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ngira ngo Gabriel Rufyiri iyo nkuru ntiramushikira!

  • Sat-b yabonyeko matabaro na chameleonne bohava bamurusha;aca atanga ivyireguro bidafise insiguro.iyo acitaba igiteramo atsindwa yaca agwana bakamukuru irindi ryinyo.icogihanga sat-b afise ngo ni matabaro yamukubise?

  • Nimurek gucafuza umunt gusa sat-b ariyemera ko atunz aka kuri podium agatanga 100f yitabi.uwomusi twibaz ko yoba yari kuri catredural kuvumjisha nwiyayaronka nayo sat-b nubu arari wawundi By SAM-Nimurek gucafuza umunt gusa sat-b ariyemera ko atunz aka kuri podium agatanga 100f yitabi.uwomusi twibaz ko yoba yari kuri catredural kuvumjisha nwiyayaronka nayo sat-b nubu arari wawundi By SAM-Nimurek gucafuza umunt gusa sat-b ariyemera ko atunz aka kuri podium agatanga 100f yitabi.uwomusi twibaz ko yoba yari kuri catredural kuvumjisha nwiyayaronka nayo sat-b nubu arari wawundi By SAM-Nimurek gucafuza umunt gusa sat-b ariyemera ko atunz aka kuri podium agatanga 100f yitabi.uwomusi twibaz ko yoba yari kuri catredural kuvumjisha nwiyayaronka nayo sat-b nubu arari wawundi By SAM-B40%

  • Sat B abamwanka bamwandureko kuko nigihangange kibikwiye b(afyine nabobangana )

  • nukur natw ibubanz turamwemer gus yaraduhevy

  • Sat-b Nukur Arashoboy .Uwumwanka Amwandurek

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.