Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sat-b ari ku rutonde rw’ibihangange bizohabwa agashimwe ka Kora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-b ari ku rutonde rw’ibihangange bizohabwa agashimwe ka Kora (...)

Sat-b ari ku rutonde rw’ibihangange bizohabwa agashimwe ka Kora Awards

lundi 5 Rusama 2014

Ihiganwa rya Kora Awards ryarangiye umuririmvyi Sat-B yaserukiye Uburundi afise ikibanza ca 33. Urupapuro ruzohabwa uwagiye mw’ihiganwa rugiye kuzotangwa bivanye n’amayinga umuririmvyi yamaze ku rutonde bivanye kandi n’amajwi yaronse.

Urutonde rw'abaririmvyi basigaye muri Kora Awards

Sat-B afise ikibanza ca 33 mu baririmvyi 45 basigaye mw’ihiganwa rya Kora Awards ryahuza abaririmvyi bose bo ku mugabane w’Afrika. Abo rero bazohabwa urupapuro (certificat). Ernest Coovi Adjovi yatanguje ihiganwa rya Kora Awards akongera akarishira mu ngiro, avugako urupapuro rw’uno mwaka ruzotangwa bivanye n’indwi (semaine) umuririmvyi yamaze mw’ihiganwa. Umuririmvyi Sat-B azohabwa urupapuro rwa Silver kuko yamazeko hagati y’indwi 1 na 4.

Urupapuro rwa mbere ruzohabwa abaririmvyi bashoboye kumara indwi 10 canke zirenga mw’ihiganwa, abo bazoronswa urupapuro bise Platinium, abamaze kuva ku ndwi 5 gushika kuri 9 bazoronswa urupapuro rwa Golden, kuva ku ndwi 1 gushika kuri 4 n’abo bazohabwa urupapuro rwitwa Silver. Izo mpapuro zizotangwa mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi.

Mwomenyako Kora Awards yatanguye mu mwaka w’i 2009, itangujwe na Ernest Coovi Adjovi avuka mu gihugu ca Benin, ibirori vya mbere vyabereye mu gihugu ca Afrika y’Epfo.

JPEG - 40.3 ko
Ernest Coovi Adjovi

Impapuro zizotangwa zikwirikirana uku:


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.