Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sat B arinegura ku nyifato yerekanye ku munsi w’igiteramo ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat B arinegura ku nyifato yerekanye ku munsi w’igiteramo ca (...)

Sat B arinegura ku nyifato yerekanye ku munsi w’igiteramo ca Ikoh

mardi 23 Kigarama 2014

Mu gihe Ikoh Multiservice yariko itanga ubushimwe ku baririmvyi n’umumenyeshamakuru bigenjeje neza, inyifato ya Sat B ntiyashimishije benshi, eka nawe nyene arabona ko atavyifashemwo neza. Bamwe mu bari aho baranegura inyifato yiwe abandi bakayikenguruka.

Hari kuri Club du Lac Tanganyika kw’igenekerezo rya 29 Kigarama, Sat B ahejeje guhabwa agashimwe nk’umuririmvyi w’umugabo yitwaye neza mu mwaka w’2014, yafashe agashimwe ahawe na Ikoh Multiservice agaha umwe mu bakunzi biwe yari mu giteramo. Sat B yandika ati : "Ni vyiza kandi birahimbaye kuba naratowe nk’umuririmvyi w’umwaka na IKOH, ndabashimiye caaane ariko igihe bari ku kanshikiriza vyarangoye kugatora nibutse ukuntu dukora kenshi hagashimirwa abandi.
Naragatoye maze ndibuka ko vyose mfise nabihawe n’umu "fan" ndagahereza bamwe mu bankunda bari ngaho …..Narashikirije ikiri ku mutima uwitwa Ray. Kigosi yari ajejwe gutanga ubushimwe nti : "Ab’ino ntibaramenya music industrie icarico"
.

Sat B aragaruka akigaya, yandika ati : "Ego nivyo iriya nyifato nagize ntiyari ikwiriye ku muntu yakoze ivy’abandi batakoze kuri jewe (IKOH) ariko narananiwe kwihangana kandi cari n’ikimazi ku baririmvyi benshi bakora hagashimirwa abandi, co kimwe no kuri bamwe bategura amahiganwa kuko kahise gategura kazoza akahise kanje katumye nkora ibidashimisha abatunganije kiriya giteramo gikomeye but sorry".

Abandanya avuga ati"Dore ko abo nagahaye(trophée) bahisemwo kukansubiza bambwira ko nari ndagakwiriye cane".

Arabaza ati : "Ku bwawe ubona nari ndagakwiye ngo ndagatore …??.canke nari nkwiye kubandanya nkakora cane gusumba…?".

JPEG - 173 ko
Sat B ari kumwe na Dj Jackson yahowe amufata mu mugongo

Abenshi rero baravuze ku nyifato ya Sat B aho bamubwira ko yokwifata nk’umuririmvyi afise ijambo ry’ubushingantahe imbere y’abantu isinzi baba bariko bamwumviriza, abandi bati abo bavuga ivyo n’ishari.

Nawe niko ububibona? Sat b yari gusubira gutanga agashimwe ahawe atowe mu bandi isinzi? Mbega Sat B ahaye agashimwe abakunzi biwe kubera azi aho bamushikanye aba agize ikintu kibi?


Cherif Nkeshimana

Messages

  • nigitandero ariko ndabitahura, nta munsi numwe aterekana ko indero vyaciye kubiri. rero ntibitangaje nah woba ufise impano utavyifatamwo neza ntaho ushika rer niyikebuke kuk mu majambo yiwe kensh aratukana harakantu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.