Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat b ku rutonde rw’ibihangange vyakoze neza muri Afrika y’Ubuseruko
Sat b ku rutonde rw’ibihangange vyakoze neza muri Afrika y’Ubuseruko
mercredi 14 Nzero 2015
Sat b ari ku rukurikirane ry’abaririmvyi 10 bakoze neza mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Ku rutonde harimwo kandi ibihangange vy’abaririmvyi bo mu karere. Sat b avuga ko ari indoto ziwe ziriko ziba kuri.
Sat B amaze kwisanga ku rutonde rw’ibihangange vy’abaririmvyi bakoze cane mu mwaka w’2014 mu karere ka Afrika y’Ubuseruko (East Africa), yavuze ati : "Ni umunezero kubona dutorwa natwe mu bihangange 10 bigize umuziki wa Afrika y’ubuseruko (east africa). Iyi ni imwe mu ndoto natanguranye mu muziki, murakoze fanes zanje. Sinzobamaramaza …"
Imbere y’uko tubashikiriza uko urwo rutonde rumeze kuva ku wa mbere gushika ku w’icumi, tubamenyeshe ko Sat B afise igiteramo c’agakura kw’igenekerezo rya mbere Ruhuhuma aho azokwerekana intambwe agezeko mu muziki, nk’uko avyemerera ikinyamakuru IGIHE. Vyinshi bijanye n’igiteramo buca tubibashikiriza.
Urutonde Sat B ariko rutangurwa n’umuririmvyi Diamond wo muri Tanzaniya, rumeze uku :
10) Sat B
9) Urban Boyz
8) Radio na Weasel(Goodlife)
7) Jose Chameleone
6) Jaguar
5) Knowless Butera
4) Bebe Cool
3) Sauti Sol
2) Eddy Kenzo
1) Diamond
Cherif Nkeshimana
Messages
21 Ndamukiza 2015, 22:39, par cecile
ark muburund twovgak hashboy umw gs! harmw akarengany. bibgy mukombozi cnk l.joe
7 Ruheshi 2015, 11:53, par Ange noëlla
Sat-B, bndnya utez imber umzki w’ ubrndi. We love u so much!
22 Nzero 2016, 10:13, par Stany
Ni Hatari! Bwabundi N’abakobwa Barashoboye!! Abakunzh Biw Turamukeje
22 Rusama 2017, 12:41, par Divin Rukundo
Ni Vyiz Kubona Umuririnvyi Wacu Ab Mur Ugwo Rutonde Natwe Aba Fana Turi Inyuma Yawe
22 Ruheshi 2017, 18:22, par nadine
uwabaye uwambere ninde
21 Myandagaro 2017, 10:02, par Ntihemukirabasenzi Corneir
sha Ndabakeje Ni Babandany Mukomere